Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Hosni Mubarak yasohotse ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Hosni Mubarak yasohotse ibohero

Misiri : Hosni Mubarak yasohotse ibohero

jeudi 22 Myandagaro 2013

Hosni Moubarak, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Misiri yasohotse agasho k’i Tora inyuma y’imyaka ibiri, ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, mu gihe c’isaha umunani ku saha mpuzamakungu. N’aho sentare yubahirize ingingo yo kumurekura, agiye kuguma afunzwe icamaso, mu kurindira ko asubira kwitaba ubutungane kuwa 25 Myandagaro, abazwe ku bwicanyi yagirizwa bwahitanye abanyagihugu 850 bari mu myiyerekano yamukuye ku butegetsi muri Nzero umwaka w’2011.

Agisohoka agasho k’i Tora mu gisagara ca Kayiro, Hosni Moubarak yaciye ajanwa na kavugujugu ku bitaro vya gisirikare biri hafi yaho yahora apfungiwe.
Abategetsi ba gisirikare mu Misiri bategetse ko akomeza gufungishwa ijisho inyuma y’aho sentare itegekeye ko arekurwa kuko yari yakwije umwanya ntarengwa umuntu ategerezwa gufungwa imbere y’uko urubanza rutangura.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.