Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Imyiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu i Tahrir (...)
Misiri: Imyiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu i Tahrir Square
dimanche 30 Ruheshi 2013
Abantu ibihumbi nibo biteguriye kuja mu myiyerekano ku kibuga ca Tahrir Square mu gisagara ca Cairo, ku murwa mukuru wa Misiri, ahateganijwe kubera imyiyerekano yo gusaba umukuru w’igihugu Mohammed Morsi kuva ku butegetsi.
Abamurwanya baramwagiriza ko atashoboye gukemura ikibazo c’ubutunzi n’umutekano muri uyu mwaka amaze ku butegetsi.
Bamenyesha ko bashaka ko hoba amatora vuba cane.
Ku ruhande rw’abakunzi b’umukuru w’igihugu Morsi yabaye uwutwaye ico gihugu ubwa mbere avuye mu matora abaye mu bwigenge, nabo bariko bategura imyiyerekano yabo biyamiriza abo bariko bahakana umukuru w’igihugu Morsi.
Igisirikare co muri ico gihugu kiragabisha ko gishobora gukoresha inguvu mu gihe hoba imigumuko.
Egide Nduwimana