Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: John Kerry aho yagendeye asaba iyubahirizwa ry’intwaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: John Kerry aho yagendeye asaba iyubahirizwa ry’intwaro

Misiri: John Kerry aho yagendeye asaba iyubahirizwa ry’intwaro

lundi 23 Ruheshi 2014

Umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe z’Amerika n’ayandi makungu John Kerry, ari i Cairo mu Misiri guhura n’umukuru w’igihugu mushasha, Abdul Fattah al-Sisi.

Kuri uno w’ Imana igenekerezo rya 22 Ruheshi , umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe z’Amerika , John Kerry yagendeye igihugu ca Misiri. Niwe mutegetsi mukuru w’Amerika wa mbere agendeye Misiri kuva aho uwo mugabo yahoze arongoye igisirikare akanatembagaza ubutegetsi bwa Mohammed Morsi, atorewe kuyobora igihugu mu kwezi gushize. Abategetsi b’Amerika baravuga ko John Kerry azosaba umukuru w’igihugu Sisi, gushira abantu bose mu rubuga rwa politike no kugera k’umugambwe wahagaritswe w’aba frères musulmans.

John Kerry azovuga n’ikibazo c’abayoboke ba Morsi baciriwe igihano co gupfa ari benshi, yongere asabe n’ irekurwa ry’abamenyeshamakuru bafunzwe. Umunyamabanga mukuru wa Reta y’Amerika yavuze ko ubwo butumwa azobushira ibihugu vyose azogendera muri iyi ndwi. John Kerry yamenyesheje ko Amerika yasohoye amadolari arenga ica kabiri c’imiliyaridi agenewe gufasha igisirikare bari barahagaritse, kuva aho igisirikare gitembagarije ubutegetsi bwa Prezida Mohammed Morsi umwaka uheze.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.