Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri:Moubarak yaciriwe imyaka itatu yo gupfungwa yagirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri:Moubarak yaciriwe imyaka itatu yo gupfungwa yagirizwa (...)

Misiri:Moubarak yaciriwe imyaka itatu yo gupfungwa yagirizwa igiturire

dimanche 10 Rusama 2015

Uwahoze arongoye igihugu ca Misiri Hosni Moubarak ari kumwe n’abahungu biwe babiri baciriwe imyaka itatu yo gupfungwa,bagirizwa kurya igiturire,no kunyuruza mu kigega ca Reta amafaranga arenga imiriyoni 10 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 10,Moubarak yasubiye kuburana aburanishijwe na sentare nkuru y’igihugu inyuma yo kwanka ivyavuye mu rubanza rwa mbere,rwari rwaciwe na sentare isanzwe,yari yamuciriye gupfungwa imyaka itatu.

Mu gihe ubwa mbere M. Moubarak yari yaburanye yambaye impuzu z’abanyororo mu rubanza rwa mbere ,muri urwo rubanza yaburanye yambaye impuzu zisanzwe kuko ubu yidegemvya kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka.

Naho biri ukwo, Hosni Moubarak aracunzwe cane aho ari mu bitaro vy’abasirikare I Kayiro,ku murwa mukuru wa Misiri,kuko ku myaka 87 y’amavuko amagara yiwe atifashe neza.

Mu rubanza rwo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 rusama,sentare ntiyerekanye neza ko abagirizwa boba barasubiye gufatwa,canke nimba ico gihano baciriwe baramaze kugikora inyuma yaho bapfungiwe ubwa mbere.

Hosni Moubarak yakuwe k’ubutegetsi n’imyiyerekano y’abanyagihugu yabaye mu mwaka w’2011 i Kayiro ku murwa mukuru.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.