Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Sentare yakatiye abagiriwe n’ubwicanyi i Port Said
Misiri: Sentare yakatiye abagiriwe n’ubwicanyi i Port Said
samedi 26 Nzero 2013
Sentare mu Misiri yakatiye urwo gupfa abantu mirongo ibiri n’umwe kubera ubwicanyi bwahitanye abantu 70 ku mupira w’amaguru mu muji wa Port Said mu mwaka uheze.
Havugijwe impundu muri sentare igihe urwo rubanza rwasomwa.
Ariko haciye haduka akaguma hagati y’imiryango y’abapfuye hamwe n’abashigikiye abahamwe n’icaha, hafi y’ibohero rya Port Said aho abo bantu bari bafungiye.
Abantu bashika umunani bishwe harimwo abapolisi babiri, abandi bantu bashika ku mirongo itanu nabo barakomereka.
Ubwo bwicanyi bwadutse nyuma y’urukino rw’umupira w’amaguru hagati y’umugwi wa Port Said n’uwundi wari wavuye i Cairo, mu mwaka uheze.
Igipolisi caridogewe cane cagirizwa ko ataco cakoze ngo kibuze ubwo bwicanyi.
Grace Irimbere