Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Umutunzi karuhariwe yasavye Ubugiriki n’Ubutariyano kumuha izinga (...)
Misiri: Umutunzi karuhariwe yasavye Ubugiriki n’Ubutariyano kumuha izinga akaribagurira
vendredi 4 Nyakanga 2015
Umutunzi karuhariwe wo mu gihugu ca Misiri Naguib Sawiris yasavye igihugu c’Ubugiriki canke Ubutariyano kumuha izinga rimwe akarigura,iryo naryo rikazoshikiramwo impunzi n’abimukira baca mu kiyaga Mediterranee mbere bamwe bakahatakariza n’ubuzima.
Naguib Sawiris yabivuze inyuma yaho hari ifoto y’umwana w’imyaka itatu ava mu gihugu ca Siriya Aylan Kurdi,itembereye ku mbuga yerekana ikiziga c’uwo mwana yitavye Imana ahitanywe n’amazi.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Tweeter,yavuze ko hamwe Ubugirika n’Ubutariyano bwomuha iryo zinga yoca amenyesha ko ryikukiye,akakira abimukira agaca abaha n’akazi mu bikorwa vyo kwubaka igihugu cabo gishasha.
Naguib Sawiris yavuze ko ico ciyumviro gisa n’ikidafashe ariko cofasha gutorera inyishu ikibazo c’abimukira,gisa n’icananiye abayobozi bo ku mugabane wa Buraya gutorera inyishu.
Uwo mutunzi amenyesha ko ariko muri ico gikorwa intambamyi zitabuze.Muri izo avuga kwumvisha Ubugiriki n’Ubutariyano ko bomuha iryo zinga,hamwe no gushira imitahe mu guteza imbere inyubako muri iryo zinga.
Kuva umwaka utanguye abimukira n’impuzi zirenga ibihumbi 350 nizo zimaze gushika ku butaka bw’umugabane wa Buraya bahunga intambara n’ubukene.Abenshi bava mu gihugu ca Siriya.
Van Naris Mugisha
Messages
4 Nyakanga 2015, 12:08, par freedom
abantukabo nibo twaridukeneye kuriyisi turiko bakorivyiz ahubwo nibanyarutse bakwihere ufash ibiremwa vyimana
4 Nyakanga 2015, 16:15, par Falcon
Abatama nkabo nibo Imana ikwiye kongera iminsi yukubaho atari yamikoma yo mu burundi.
4 Nyakanga 2015, 20:02, par Scott
FALCON uvuze ukuri ndagushimiye ahubwo abategetsi b’uburundi simikoma gusa ahubwo nimbunuza zintamoka bafata abantu bakabica abandi bandikisha amateka kuvyiza baba bakoze bobo bahabwa imidari y’ubwicanyi bo kavyimbimitwe.
4 Nyakanga 2015, 22:38, par kayanza siti
imana imujimbere nkurunziza ahobuca akirira tuzomugabira tanganyika yiyubakire