Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri: Umutunzi karuhariwe yasavye Ubugiriki n’Ubutariyano kumuha izinga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: Umutunzi karuhariwe yasavye Ubugiriki n’Ubutariyano kumuha izinga (...)

Misiri: Umutunzi karuhariwe yasavye Ubugiriki n’Ubutariyano kumuha izinga akaribagurira

vendredi 4 Nyakanga 2015

Umutunzi karuhariwe wo mu gihugu ca Misiri Naguib Sawiris yasavye igihugu c’Ubugiriki canke Ubutariyano kumuha izinga rimwe akarigura,iryo naryo rikazoshikiramwo impunzi n’abimukira baca mu kiyaga Mediterranee mbere bamwe bakahatakariza n’ubuzima.

Naguib Sawiris yabivuze inyuma yaho hari ifoto y’umwana w’imyaka itatu ava mu gihugu ca Siriya Aylan Kurdi,itembereye ku mbuga yerekana ikiziga c’uwo mwana yitavye Imana ahitanywe n’amazi.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Tweeter,yavuze ko hamwe Ubugirika n’Ubutariyano bwomuha iryo zinga yoca amenyesha ko ryikukiye,akakira abimukira agaca abaha n’akazi mu bikorwa vyo kwubaka igihugu cabo gishasha.

Naguib Sawiris yavuze ko ico ciyumviro gisa n’ikidafashe ariko cofasha gutorera inyishu ikibazo c’abimukira,gisa n’icananiye abayobozi bo ku mugabane wa Buraya gutorera inyishu.

Uwo mutunzi amenyesha ko ariko muri ico gikorwa intambamyi zitabuze.Muri izo avuga kwumvisha Ubugiriki n’Ubutariyano ko bomuha iryo zinga,hamwe no gushira imitahe mu guteza imbere inyubako muri iryo zinga.

Kuva umwaka utanguye abimukira n’impuzi zirenga ibihumbi 350 nizo zimaze gushika ku butaka bw’umugabane wa Buraya bahunga intambara n’ubukene.Abenshi bava mu gihugu ca Siriya.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.