Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imipira n’inkofero vyanditseko "Mkombozi Hasta" bigiye kugurishwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Imipira n’inkofero vyanditseko "Mkombozi Hasta" bigiye kugurishwa

Imipira n’inkofero vyanditseko "Mkombozi Hasta" bigiye kugurishwa

mardi 2 Kigarama 2014

Mkombozi yasohoye imipira n’inkofero zanditseko amazina yiwe, abakunzi biwe bazohora bavyambara uko bashaka. Afise imigambi yo kwugurura inzu y’ubudandaji aho yogurishiriza izo mpuzu co kimwe n’izindi zigezweho.

Mkombozi yumvikanye n’uwumufata mu mugongo "Manager" aba mu gisagara ca Dubai kugira amukoreshereze imipira n’inkofero zifise ikimenyetso canditsemwo indome"MH" bisigura "Mkombozi Hasta". Nk’uko yabituyagiye, uwo muririmvyi avuga ko yatanguye kubisabwa n’abakunzi biwe, hanyuma nawe abivugana n’uwumufata mu mugongo.

Muri kino gihe hamaze gushika imipira n’inkofero bike ariko Mkombozi amaze kuronka isoko azoheza yugurure n’inzu y’idandarizo "magasin" yoshiramwo izo mpuzu co kimwe n’izindi zigezweho. Muri iyo nzira nyene, hamwe ikigo gitoza amakori "OBR" comworohereza yoheza agatangura vuba. Mkombozi abandanya amenyesha ko inkofero ishobora kuzogurwa amahera y’amarundi ibihumbi cumi na bitanu (15.000Frbu), agapira nako ibihumbi cumi (10.000Frbu) canke birenga bizovana n’ico abakunzi biwe bipfuza.

Tubibutse ko Mkombozi ariko araheraheza ururirimbo "Nzeyimana" yakoranye n’umuririmvyikazi azwi kw’izina rya Chance, ruzokwumvikana ubwa mbere mu biteramo vya Ikoh Multiservice bizoba kw’igenekerezo rya 19 na 20 Kigarama 2014.

Umviriza ururirimbo Mkombozi yise "Urudubi"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.