Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi ati :" Primusic ni iy’abaririmvyi bataramenyekana"
Mkombozi ati :" Primusic ni iy’abaririmvyi bataramenyekana"
lundi 15 Nyakanga 2014
Igihe yari mu rugendo rwiwe mu gihugu c’Urwanda, Mkombozi yakoranye ururirimbo n’umuririmvyi K.Ross Kigoma. Ico gikorwa categuwe amezi abiri arenga. Mkombozi yavugiye aho mu Rwanda ko ihiganwa rya Primusic ryitabwa n’abaririmvyi bataramenyekana.
Mkombozi amaze kwumva ijwi ry’umuririmvyi K.Ross Kigoma, baciye bumvikana ko bokorana ururirimbo. Bamaze kwumvikana, ico gikorwa caracerewe gato kubera Mkombozi yafatiriwe n’ibikorwa vya Primusic. Urwo ruririmbo rugiye gusohoka inyuma y’indwi imwe rwitwa “Nzokuzirikana”, amajwi (Audio) ariko akorerwa mu Rwanda n’umuhinyanyuzi Pachento akorera muri Narrow Road, isanamu nayo izokorerwa i Bujumbura.
Bimwe mu bibazo yabarijwe aho mu Rwanda harimwo igituma adahiganwa muri Primusic, yishuye ko Primusic ari ihiganwa ry’abaririmvyi bataramenyekana, ko wewe ahamagagwa nk’umuserukizi. Ivyo bimeze uko mu gihe mu gihugu c’Urwanda ihiganwa rya Primus Guma Guma ryitabwa cane n’abaririmvyi bamaze kumenyekana.
Tuzobashikiriza urwo ruririmbo rumaze gusohoka.
Cherif Nkeshimana
Messages
31 Mukakaro 2015, 18:45, par Wani b
Ico novuga nukoyihenze kuko twebwe turindiriye urwo ruririmbo twarindiriye twabuze kandi turabakunzi biwe.
3 Gitugutu 2018, 06:45, par asly buja
MKOMBOZI TUKURINYUMA NAHO AKANYEGERI KATEYUMUGERE IBETO