Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi avugana intuntu adondagura abantu n’ibintu akumbuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi avugana intuntu adondagura abantu n’ibintu akumbuye

Mkombozi avugana intuntu adondagura abantu n’ibintu akumbuye

lundi 9 Ruhuhuma 2015

Mkombozi iyo ari mu buhungiro biraboneka ko afise intuntu n’inkumbu hamwe n’umubabaro w’uko yomowe adakoze ivyo yari yemereye abana bo mw’ibarabara. Mkombozi yandika avuga ko akumbuye ibendera nziza ry’igihugu ciwe. Mubo avuga akumbuye hari abanyonga amakinga hamwe n’amapikipiki.

Mkombozi atangura kwandika amajambo ari mu ruririmbo rwa Fariouz ati : "Indege jewe ndayanka yoyatumye dutandukana, yantwaye kure y’amaso so far away, indege nzoyikunda niyo yangarukana nkabandanya na NZEYIMANA TOUR".

Uwo muririmvyi akunda kuvuga ko akunda igihugu mavukiro yiwe, asubira akandika ati : "Ndakumbuye kubona i drapeau yacu nziza, ivyibutso vyacu, aba fanas banje, ababanyi banje, aba motards n’aba Taxi velo".

Mkombozi mu majambo yandika habonekamwo intuntu z’uko yahunze adakoze ivyo yari yemereye abana bo mw’ibarabara, arongera ati : "Hari abana 40 bo mw’ibarabara harya muri ville, nabarondeye samed le 10/01/2015, nari nababwiye ko dimanche le 11/01/2015 nzoba ndi i Buhonga. Ariko lundi le 12/01.2015, mu masaha ya saa cenda, nzobasange hafi ya Bonesha FM ndabahe umuceri n’inyama mfashijwe n’uwitwa HASSAN NYAMA afise boucherie. Yari yemeye gutanga 80 kilos z’inyama, nanje umuceri n’impuzu...ariko vyose vyapfiriye kuwa Mungu nyene batwaye Ellyz boy".

Arangiza urwandiko rwiwe avuga ati :"Numva agahinda kubona abana barandindiriye batambona, Imana irambabarira, kuko nanje sije ariko je dois le faire kandi vuba. Jah bless, miss u Burundi, love u all".

Nk’uko biboneka ku butumwa yanditse ku murongo wiwe wa facebook hari ibimenyetso vy’uko Mkombozi yoba yahunguye mu ntara nini cane y’uburengero bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Itambukira sha, uzoba uraza gutanga iyo miceri n’izo nyama harusha amagara abashonje murin kino gihugu ni injojo. La patrie se trouve où on se sent mieux.

  • Itambukira sha, uzoba uraza gutanga iyo miceri n’izo nyama harusha amagara abashonje murin kino gihugu ni injojo. La patrie se trouve où on se sent mieux.

  • Nimba wari wabemereye inyama ,ntaco bahovye .Kubera ivyo sivyokurya .

  • HAMWE WOZORONKA UBURYO BGO KUBIBAHA NJEWE UZOMBARIRE NZOGUFASHE

  • natwe akunz bumuzik uriribwa na mkomboz turamukumbuy 0k

  • NANJE NDI MAMESI TITUS NKABA NAVUYE NGAHO IBUJUMBURA NOMOWE NUBUTEGETSI NKUKO MUKOMBOZI YOMOGWA MAMESI YARAJEJWE UBUZIMA BWA PEREZIDA NDADAYE MELCHIORO BANFANTA NGO NDI KUMWE NA MAMESI UBWO IRYOZINA RICA RINFATA UKO SINARIBWABATIZE MUMAZI MENSHI MURI PANTECOTE NACIYE MBATIZWA NGEZE MUBIHUGU VYA AFRIKA YUBUSERUKO UBU NKABA NTUYE NGAHA MUGISAGARA CA
    NEW YORK MURI RETA ZUNZE UBUMWE ZABANYAMERICA AHUBONA AMARETA YIBURUNDI NTABAHO TWARITUZI KO ABAGIYE MWISHAMBA SINZI NIMBA ARI MUMAPORI IGIHE BAJA MUMASHAMBA TWARABAHEREKEZA UBONA KO ARITWE TWARI TUZI VYINSHI ICOGIHE TUKIBAZA TUTI KO DUHAYE DUTWARAYO ABANTU TUTI NGIRA BAZOVAYO BAKIRI ABANTU NTWARITUZI KO BAZOVAYO BAHINDUTSE IBIKOKO MUBINDI AHUBWO AHO ABANTU BASIGAYE BABAHUNGA BAGAHUNGIRA IYIBIKOKO BIRI ARIKO VYOVYO NTIHAGURE ICO BIBAGIRA UWOBA AFISE No ZA MUKOMBOZI YOZIMPA KURI MESSAGE KURIZI 3475895297 CANKE 13475895297

  • Bit murakomeye?Ahomurigamu mkombozi Jewendi Umukunziwawecane Sinzikowoba Unyibuka nigezekugusaba ubufasha bwumuziki jewendagukunda nkukonkunda Idraporyuburundi Kandinkuko nkunda abarundi bakunda igihugucabo Numvangukumbuyecane sinzikowoturondera Ku 25775368048 25771219230 Cankekuri Facebook Uciyekuri Ndayisenga Jodique Uca Ndonka uNanjendinyumayawekugeza Yesu agarutse Mfise indirimboyokubaza Icobaguhoye yitwahindukabarundi Ok umusimwiza.

  • NIBAKUREKE NBEGABAGUHORA IKI JEWE NUBUTWARE BWOBOBWANDANBIYE KUKO NTAMUTWARE UMUNTUWESEWUMUTWARE NUKURENGANYAGUSA NONE HARYA HARINABIWARIWAKOZE MKOMBOZI KWERI SINDAKUZI ARIKO JEWE KWERI NDAGUKUNDA MUNVUGO NOMUMAFOTO IVYUKORAVYOSE BIRANEZERA NIBAKUREKE NBEGABAGUHORA IKI JEWE NUBUTWARE BWOBOBWANDANBIYE KUKO NTAMUTWARE UMUNTUWESEWUMUTWARE NUKURENGANYAGUSA NONE HARYA HARINABIWARIWAKOZE MKOMBOZI KWERI SINDAKUZI ARIKO JEWE KWERI NDAGUKUNDA MUNVUGO NOMUMAFOTO IVYUKORAVYOSE BIRANEZERA CANE

  • NTUGIRIKIBAZO
    NGUWIPFUJE GUSAMBANA ABASAMBANYE
    NAWEKOWARIWIPFUJE GUKORICIZA IMANA YARAMAZE KUBIGUSHIMIRA
    NATWE ABAKUNZIBAWETURAGUKUMBUYE
    ARIKO IMANAKUMBURE
    IZOBIKORADUSUBIRE
    KUBONANA.

  • NTIRENGANYA ANATORI MKOMBOZI

  • Ndashima Ko Atibagira Uburundi N’abarundi

  • NUKURI MUKOMBOZ NIWIHANGANE NATWEBWE UURI INYUMA NDABASHIMIYE KUSI AKO KIGORO MWARI MWAGIZE NAHO BITASHOBOSE NUKURI INKUMBU NAGAHINDA TUGUFITIYE ZIRARENZE MUTUBABARIRE NTACO TWAROSE TWOBARUNGIKIRA KANDI TURIFUZA NINDIRIMBONTAKO TUZIRONKA RABA UKUNTU MWZITURUNGIKIKIRA KURI FACEBOOK TUGAFUMA TWUMVA NA KAJWI KAWE NUKURINIHATARI

  • NONE MKOMBOZI ARABANDANYA GUCURARANGA NIWIHANGANE NGO IGIKUMI GIKUBENZE UGITEGA RIGUYE

  • NONE MKOMBOZI ARABANDANYA GUCURARANGA NIWIHANGANE NGO IGIKUMI GIKUBENZE UGITEGA RIGUYE

  • mukomboz turamukumbuyemugihugucuburundi abarundi turubujuju nkokwicana atacomupha harumuzungu,yicawenewabo

  • vyambaje komukombazi nunvise kobashakakumugirira nabi mukombozi abarundi turininzigo muga imana iramubona imucungire ubuzima none yarabandanije umuziki inyhu murakozep

  • Vyukuri Natwe Dufi Intunku Kuba Tutakimwumva Mugihugu Cacu Burundi Nanje Ndi Gahimbare Ahamad ,Imakamba, Kibago Kiyange, Nyabigina Ubu Twitaho Indirimbo Ziwe Bikadutuma Kumukumbura La ILaha ILa LAH Alah arakubona mkobozi amina

  • nukuri mkombozi nda mukunda cane nu muririmvyi ahanura kandi nagaruke atumare agahinda imakamba nyanza lac kabonga gisenga turamukumbuye cane garuka uburundi buragukeneye

  • Natwe Tubafitiye Intuntu Nyinshi Cane ,kandi Nigisongera Isibe N,indirimbo Zanyu Ntitukizumva Bazivuza No Kumaradiyo

    Nimwirambire Turabasengera

  • imana izogufasha indege yagutwaye niyizokugarukana ugasubira kubnana nabawe.turagusengera kugiradusubire kukubna mughugucacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.