Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi na Fariouz barafise ibibazo bigumizamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi na Fariouz barafise ibibazo bigumizamwo

Mkombozi na Fariouz barafise ibibazo bigumizamwo

samedi 11 Gitugutu 2014

Hari ibibazo biri mu baririmvyi bo mu Burundi usanga bafise bakavyigumizamwo, aha turatanga uburorero bwa bimwe mu vyandikwa n’abamwe mu baririmvyi ku mpome zabo za Facebook.

JPEG - 86.8 ko
Fariouz

Fariouz aherutse kwandika k’umurongo uku gukurikira: "Kwa wazungu sio kwa Mungu ao wewe unaetangaza kama sintorudi....hahaha, siishi kwa VISA!!!". Bisigura uku: " Iwabo w’abazungu si kwa Mana ariko uravuga ko ntazosubirayo...hahaha simbayeho ku bwa VISA".

Uwo muririmvyi arongera akavuga uku:" I can’t make people value me. All I can do is show them who I am, what I feel and what I believe in. It’s up to them to realize my worth....i am simply ME". Bisigura uku:" Sinkora kugira abantu bampe agaciro. Ivyo nkora vyose ni kugira ndabereke ivyo niyumvamwo. Ni ku bwabo kumenya ico nkwiye...ndi jewe nyene"

Mkombozi yanditse uku :"Ubu ni isaha 10:25 zo muka jorojoro burakeye ndiko ndandika indirimbo hanyuma uwasinziriye niwe azoyitungirako.Emwe niryoreza.Akazi kacu barakirengagiza kandi bakazi reka turindire mumatora uzosanga indirimbo zitambwa.emwe ibahe gutahura iciza nokugishigikira.hasta".

JPEG - 30 ko
Mkombozi

Ayo majambo abo baririmvyi banditse arimwo agahaze ariko tugiye kuzobabaza, nka Mkombozi avuga ko abasinziriye aribo bazotungira ku ruririmbo rwiwe, biteye amakenga, eka na Fariouz birumvikano ko afise ikibazo. Abarundi bati:"Ntakabura imvo".

Umviriza ururirimbo "Kiwelewele" rwa Fariouz


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.