Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi na Fariouz barafise ibibazo bigumizamwo
Mkombozi na Fariouz barafise ibibazo bigumizamwo
samedi 11 Gitugutu 2014
Hari ibibazo biri mu baririmvyi bo mu Burundi usanga bafise bakavyigumizamwo, aha turatanga uburorero bwa bimwe mu vyandikwa n’abamwe mu baririmvyi ku mpome zabo za Facebook.
- Fariouz
Fariouz aherutse kwandika k’umurongo uku gukurikira: "Kwa wazungu sio kwa Mungu ao wewe unaetangaza kama sintorudi....hahaha, siishi kwa VISA!!!". Bisigura uku: " Iwabo w’abazungu si kwa Mana ariko uravuga ko ntazosubirayo...hahaha simbayeho ku bwa VISA".
Uwo muririmvyi arongera akavuga uku:" I can’t make people value me. All I can do is show them who I am, what I feel and what I believe in. It’s up to them to realize my worth....i am simply ME". Bisigura uku:" Sinkora kugira abantu bampe agaciro. Ivyo nkora vyose ni kugira ndabereke ivyo niyumvamwo. Ni ku bwabo kumenya ico nkwiye...ndi jewe nyene"
Mkombozi yanditse uku :"Ubu ni isaha 10:25 zo muka jorojoro burakeye ndiko ndandika indirimbo hanyuma uwasinziriye niwe azoyitungirako.Emwe niryoreza.Akazi kacu barakirengagiza kandi bakazi reka turindire mumatora uzosanga indirimbo zitambwa.emwe ibahe gutahura iciza nokugishigikira.hasta".
- Mkombozi
Ayo majambo abo baririmvyi banditse arimwo agahaze ariko tugiye kuzobabaza, nka Mkombozi avuga ko abasinziriye aribo bazotungira ku ruririmbo rwiwe, biteye amakenga, eka na Fariouz birumvikano ko afise ikibazo. Abarundi bati:"Ntakabura imvo".
Umviriza ururirimbo "Kiwelewele" rwa Fariouz
Cherif Nkeshimana
Messages
11 Gitugutu 2014, 22:26
Jew iconobivugako? Ndibaza kwafita ico ayo magambo yayandikiye il faut approcher avec lui
13 Gitugutu 2014, 08:21, par Abed
Nta muntu yogira amahoro kwisi atari uwamenye Yesu Umwami w,amahoro.