Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mogadiscio : Amabombe yatewe yahitanye abagera kuri cumi n’umwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mogadiscio : Amabombe yatewe yahitanye abagera kuri cumi n’umwe

Mogadiscio : Amabombe yatewe yahitanye abagera kuri cumi n’umwe

jeudi 2 Nzero 2014

Amabombe atatu yatewe imbere y’ihoteri Djazira iri hafi y’ikibuga mpuzamakungu c’i Mogadiscio, igisagara ca Somaliya, ihoteri isanzwe igenderwamwo n’indongozi mu butegetsi, yahitanye abagera kuri cumi n’umwe.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’igipolisi c’i Mogadiscio, amabombe yatewe kuri uyu wa gatatu w’igenekerezo rya 1 Nzero 2014 yahitanye abagera kuri cumi n’umwe. Amakuru nayo ava mu gisata c’ubuvuzi akavuga ko igitiri c’abakomeretse kiguma ciyongora, ubu kikaba kigeze kuri 17 bakomeretse cane. Abdullahi Hussein, umwe mu banyagihugu b’i Mogadiscio ku metero 300 yahabereye ivyo bitero, avuga ko yumvise ikintu gikubise, abajejwe umutekano nabo baca batangura kurasa.

Inyuma yaho haciye hakurikira n’ayandi mabombe mbere arimwo n’amasasu, kuri iryo hoteri nyene. Uwujejwe gufata amasanamu mu kinyamakuru Reuters yari aho haturiikiye amabombe, nawe akaba yemenyesheje ko inyuma y’iminota 30 hahejeje guturitswa amabombe abiri, yaciye haturika ikindi kibombe mu modokari abajejwe umutekano bariko barasuzuma.

Mwomenya ko ivyo bitero vyegekwa ku karwi k’abaroberi b’aba islamu bari murwi wa Al Chabaab, akarwi gasanzwe kagira iterabwoba muguturitsa amabombe i Mogadiscio. Bikavurwa kandi ko kuva na kera, abo ba Al Chebaab bari barashatse gutera iyo hoteri Djazira.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.