Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mogadishu : Abantu 9 baguye mu gitero ca Al-Shabab
Mogadishu : Abantu 9 baguye mu gitero ca Al-Shabab
samedi 27 Ruhuhuma 2016, par
Abarwanyi ba Al-Shabab bakoze igitero kuri uwu wa gatanu kw’ihoteri iri ku murwa mukuru wa Somalia, i Mogadishou, ico gitero kikaba cahitanye abantu icenda.
Igiporisi ca Somaliya kimenyesha ko abarwanyi ba Al-Shabab bateye ihoteri izwi kw’izina rya Somali Youth League. Imodoka yatezwemwo ibisasu yashizwe imbere y’iyo hoteri, mu ntumbero y’uguhitana abari mu hafi y’iyo nyubakwa.
Mu bahitanwe n’ico gitero hakaba harimwo n’abarwanyi bane ba Al-Shabab.
Ico gitero ca Al-Shabab gikozwe inyuma y’umunsi umwe gusa habaye ikindi gitero ku ngoro y’umukuru w’igihugu i Mogadishou, kigahitana abantu bagera kuri batatu.
IGIHE
Messages
27 Ruhuhuma 2016, 20:08, par Hakizimana Jean Claude
Harakwiye Gukorwa Ibishoboka Vyose Izo Ntagondwa Zigatuzwa Burudu Muri African
27 Ruhuhuma 2016, 20:33, par ELIAS
IVYABAYE NDAVYEMERA NAKARE NGURUCIRA MUKA SO UGATWARA NYOKO.UBO UKO BATEZE IBISASU IYA VYAMA BIBATWARAMWO BOTURUYE.
27 Ruhuhuma 2016, 22:25, par Ismail
mbega koko nivyiza ko ikiremwa muntu chihonya kwisi ?? ariko bantu turapfiki? twese tuzopfa kand tuzibagirana, ubumwoje tukaza twumvikana tugasangira duke twahawe n Imana, Nakare Ejo Izotubaza Ivyotwakoze, Nta ntagondwa,ahubwo Burya Bose Nintagondwa, Ushaka Kubamara Kwisi Kandi Nabonyene Bashaka Kugukuraho,none Ko Unmu6 Hapfa Mwe Hakavuka 2,umzungu Agaca Akora Inkoho 2,mwunva Mwumva Tuzohava, Twese Turabantu,kandi Twese Tuzopfa, Tugaruke Kumana Yo Mugenga Waburikintu,
28 Ruhuhuma 2016, 19:59, par Munezero J Claude
Haha!Izontagondwa Zirahendwa Ngozishe Abo Badasangiy Idini Ngo Bacaburizwa Ubwonyene Mwijuru,habe Namba,ahubwo Baruhukira Iyosatani Ari,me yabatumye.
2 Ntwarante 2016, 05:57, par ndimurukundo
Bahagera Baciyehe Kugirababashi Kane Kukirimba,cumukuru Wigihugu