Accueil > Amakuru > Muri Afrika > MONUSCO yaronse umuyobozi mushasha
MONUSCO yaronse umuyobozi mushasha
jeudi 25 Ndamukiza 2013
Intwazangabo iri kw’ipete rya Jenerale Carlos Alberto dos Santos Cruz ava mu gihugu ca Bresil, niwe yagenwe na ONU kuba umuyobozi mushasha w’ingabo zibungabunga amahoro muri Republika iharanira demokarasi ya Congo.
Jeneral Santos Cruz azoyobora abasirikare ba ONU bagera ku bihumbi 20 bari muri MONUSCO barimwo n’abazoba bagize umutwe mushasha uherutse gushirwaho wo guhiga imitwe yitwaje ibirwanisho muri Republika iharanira demokarasi ya Congo.
Ni ubwa mbere ONU ihaye abasirikare bayo ubutumwa bwo kurwana.
Abasirikare bava muri Tanzania, Malawi, Mozambique na Afrika y’epfo nibo bishoboka ko bazoba biganje muri uwo mutwe mushasha vyitezwe ko woba watanguye akazi kawo mu kwezi kwa Mukakaro.
Jenerale Santos Cruz yavuze ko abasirikare biwe bazokwigishwa kwubahiriza agateka ka zina muntu namatungo y’abantu ku giti cabo muri Congo.
Uyo mugabo kandi akaba azwi cane kuba yararongoye ingabo za ONU muri Hayiti aho ashimwa kuba yarahashije imitwe y’inkozi z’ikibi zari zarananiranye mu mwaka w’2007.
Aristide Nizigire
Messages
26 Ndamukiza 2013, 00:29, par Bigirindavyi Emmanuel
Imana ikujimbere General SANTOS DE CRUZ,ugarukane amahoro.