Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MONUSCO yasabwe gushira ahabona icegeranyo kivuga abarwanyi b’Abarundi bari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MONUSCO yasabwe gushira ahabona icegeranyo kivuga abarwanyi b’Abarundi bari (...)

MONUSCO yasabwe gushira ahabona icegeranyo kivuga abarwanyi b’Abarundi bari muri Congo

jeudi 22 Nzero 2015

Inyuma y’aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi amenyeshereje umurwi wateye mu Cibitoke warondera urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, uwo mugambwe wamenyesheje ko uzokwitwarira abari bateguye gutera Imbonerakure, ugasaba ko ishirahamwe MONUSCO ryoshira ahabona icegeranyo kivuga ingene ryasanze ivy’imirwi y’abarwanyi b’abarundi bari mu buseruko bwa Congo vyifashe.

Amatohoza yakozwe n’ubutungane bw’Uburundi avuga ko imigambi y’abateye mu ntara ya Cibitoke yamaze kumenyekana naho izina ry’uwo murwi w’abarwanyi ritaramenyekana. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa 19 Nzero 2015, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko kuva mu kiringo co guhera mu kwezi kwa Kigarama 2014 gushika mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2015, uwo murwi w’abarwanyi bateye mu Cibitoke wari wateguye umugambi wo kumenya aho Imbonerakure ziri, n’ibirindiro vy’abaporisi, kugira babatere. Valentin Bagorikunda ntiyatomoye impamvu uwo murwi w’abarwanyi woba wategekanya gutera aho Imbonerakure ziri, mu mugambwe CNDD FDD naho bakamenyesha ko barindiriye ibizoshikirwa ahabona n’ubutungane kugira bace bitwarira abari bateguye gutera Imbonerakure. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 22 Nzero 2015, bagira bati : "Uteguye gutera imbonerakure uba uteye umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, uteye ubutegetsi naho, nta kindi uba ugamije atari ukubusenyura.". Naho izina ry’uwo murwi w’abo barwanyi ritaramenyekana, tubibutse ko hari umwe mu barwanyi bishikanye, avuga ko ari mubari barongoye ico gitero cabereye mu ntara ya Cibitoke. Aho apfungiwe, uwo murwanyi yasavye ko bomuzanira Général Adolphe Nshimirimana na Général Alain Guillaume Bunyoni, hama ace ashikiriza ivyo azi vyose kuri ico gitero.

JPEG - 21.2 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD FDD wasavye ishirahamwe MONUSCO ko ryoshira ahabona icegeranyo kivuga ingene ryasanze ivy’imirwi y’abarwanyi b’abarundi bari mu buseruko bwa Congo vyifashe.
Ico cegeranyo c’abahinga ba ONU kitarashirwa ahabona kivuga ko hari urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwagiye mu mwaka w’2014 muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, rwambaye impuzu za gisirikare n’ibirwanisho vy’Uburundi. Amakuru yatanzwe n’insamirizi y’abafaransa RFI yavuze ko mu cegeranyo cakozwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bemeza ko abasirikare b’abarundi bahora muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba baheruka gukurwayo bisabwe n’ubutegetsi bw’i Kinshassa, ariko ama Reta abiri, iy’Uburundi n’iya Congo, akaba atigeze avyemeza. Abo bahinga bavuga kandi ko hari n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi zajanwe mu myimenyerezo ya gisirikare mu buseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, rwambitswe impuzu za gisirikare z’Uburundi, rwahawe n’ibirwanisho, abo bahinga ba ONU bakavuga ko urwo rwaruka rwa CNDD FDD rwabifashwamwo n’intwazangabo ikorera urwego rw’igendereza, Major Joseph Niyonzima batazira "KAZUNGU", hamwe na Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Imbeba yahiye umurizo izindi(Mbeba) ziti: uranutse nayo iti:murabeshe Nazo ziti:<Burakeye tukubone> Naho Pascal Nyabenda wa CDD FDD avuga nkuwiyahura abona ko MONUSCO iriko irabesha,mbe iyo baza kuba barateye igihu batazwi ugira ngo Petero Nkurunziza aba yarahoze ntaba yaravuze! ariko kuko azi abateye abaribo uzumve afunguye umunwa.Mbe hoho ko uwishikanye asaba ko bamuzanira ba Nyakubama Gen.Adolphe Nshimirimana na Gen.Alain Guillome Bunyoni habura iki ngo bagende avuge ivyico gitero?Ivyo CDD FDD yanyegeje bigiye kuja ahabona nako vyatanguye.Intandaro yo guhena n’ukunama

  • mbega yemwe cndd.fdd barozwe mbe ntamushingantahe bafise wo kubabwiza ukuri yooh barababaje eka ntakandi kibinywamaraso ipuuuuuu murapfuye nabi.

  • Imbonerakure kibaye igisirikare kiri mukwaha kwa Leta? Kikaba ari igirikare kiri mukwaha kwa leta gitegerezwa gusambugwa n’igisirikare cinyenyeshamba. Babaye Imana idahangagwa?

  • Nkuwo wuva ariko avuga iki!

  • @ Muhato, ntiwareye ubonye abaribaje guhohotera utwotwana kwimbonerakure icobarayebabonye? Urazozanawe maze uzorabekobatazokubika mundimiro nomumatongo yabenegihugu.

  • Mbega none imbonerakure zisigaye zifise ibirindiro nk’ivyabapolisi? tubitege abiri. Mana ntiwigeze uheba uburundi; bugarukire

  • Mbe n’igiki gituma NKURUNZIZA Petero atavuga ibijanye n’abateye mu CIBITOKE? S’uko koko azi abaribo? HUM, "uburundi bugona buri maso" kandi "aho yabukaranga abarundi bari musi y’urusyo" !!!! Nareke kuvyegeka ku bandi yemange ikibi ariko akorera igihugu camwibarutse kandi camuteye iteka ridaterwa benshi.Nimba yikunda agakunda n’umuryango nahebe kunyinyana n’abarundi ntitugihendwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.