IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mpanda : Umusirikare yishe umugore n’umwana wiwe

Mpanda : Umusirikare yishe umugore n’umwana wiwe

samedi 14 Ntwarante 2015

Muri komine ya Mpanda, havugwa umusirikare yagandaguye umugore wiwe n’umwana, abakereye amazosi.

Iryo bara rikaba ryaguye inyuma y’iminsi mike uwo musirikare avuye mu gihugu ca Somaliya, aho yari gufasha mu kugarukana amahoro, ubu naho, akaba yari mu bogiye mu gihugu ca Centrafrika. Uwo musirikare w’igihugu yakoze akabi, akaba yaramaze iminsi abanye nabi n’umugore wiwe, aho yamwagiriza kuba yararenze ibigo, akavyara uwo mwana. Amaze gukora ivyo, yaciye ahamagara ababanyi ko ahejeje gukora ibara, abo nabo bagira bamufate, akaba yaciye yiterera mu nzu, nawe yiyugururirako igisasu ntezwaminwe, kimugira ubunywenywe.

Musitanteri wa komine Mpanda yo mu ntara ya Bubanza, akavuga ko ari ibara aho umuntu agandagura bunyamaswa abantu nawe akiyahura. Avuga ko ashobora n’ukuba yakoreye ku bihuha, mu kwica uwo mugore wiwe n’ikibondo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbanje guhoza umuryango wabobahisi.
    Arikorero ndababwirako uwoshaka yokwirinda gukwiragiza ibihuha canke akanirinda gutegura ibihuha birahungabanya umutekano, nayo uwobishobora bakamubwira ibihuha bivuga abomurugo rwiwe akacashengeza abarikobarabimubwira yoba abishoboye, erega harihabantu bakubita igihuha simusiga ucacubona mengonukuri 100% yabona arabikwemeje agasigara avugango umutiwamufashe peee!!! Kandiburya uryamuntu akubwira ibihuha abafise ikintu kimubabaje mubijanye nimibereho yawe nacanecane mwiterambere akabafise intumbero yokugira arebeko wosubira inyuma, nivyishi bituma abantu bakwiragiza ibihuha, harinigihe nkabubakanyebo habahariho ikigabo kibonako kugira kizoganirize umugore wantuza aruko yobaza kubateza gushihana, numugore nukwonyene harigihe abashaka ko yokwiyegereza umugaborunaka aruko abanje kumuteza gushihana nuwobubakanye! Rekawanashaka jewe ndabihere akarorero kiwanje ibintu vyambayeko: jewe igihekimwe narahantu ndikumwe numugenzi umwe noneho tubaturaganira nuyundimugenziwacu turi ba 3 umwemuritwebwe numvararandamutse arambwira ati: ngosha ngo umufasha wawe twarakoranye imibonano mpuzabitsina ngwararyoshe! Naramwumvirije ndamubona nkumuntu afashw nakarwana ndamwihoza mbandamubonye uwariwe kurijewe ariko nakomeje gukorananawe kugeranunomusi imyaka 10 irarenze ariko naciye ngwiza gukundacane uwotwubakanye muntumbere yokugira nereke uwomugenzi mubi ko umuti yarishatse kunteramwo utamfashe.Bene data ibihuha birica ninavyo bitumye hicwa uwomupfasoni numwana ngirango ninavyo bitumye nuwo musirikare yiyahura, baryabantubose baziko babigizemwo uruhara bamenyeko imbere y’Imana n’icaha kandi nibobahitanye abobose bigendeye. muri bibiriya ntagatifu mumabwirizwa cumi yimana mugitabo citwa Itanguriro harimwo ibwirizwa rivugango’Ntukagirize ibinyoma mugenzawe. Murirusangi gukwiragiza ibihuha nubwicanyi mubundi.

  • mpanura abagabokutagendera kumabwire. vyofasha mumubano

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.