Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MRC Rurenzangemero iriteguriye amatora y’2015 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > MRC Rurenzangemero iriteguriye amatora y’2015

MRC Rurenzangemero iriteguriye amatora y’2015

samedi 4 Rusama 2013

Muri komine Cibitoke iri mu gisagara ca Bujumbura, urwaruka rwarateguye amatora aho batoye umunyamabanga wa mbere n’uwakabiri mu mugambwe MRC Rurenzangemero.

Muri abo batowe, Umunyamabanga wa mbere ni Tiyeri Uwamahoro, uwa kabiri nawe akaba yitwa Jimmy Niyokwizera. Nkuko bimenyerewe iminsi yose iyo igihe c’amatora cegereye, uyo mugambwe urategura amatora mu nzego zose ziwugize, ariko abahari ubu bari batowe mu mwaka w’i 2005.

Nkuko abayobozi bashasha batowe muri iyo komine babishikiriza, ngo bagiye gukora ibishoboka kugire bagwiza abanywanyi b’umugambwe MRC Rurenzangemero. Ikindi naco bagiye kwihutira ni ugushira ama komite ku mabarabara yose agize iyo komine yabo.

Mu guheraheza, urwo rwaruka rwatowe rumenyesha ko bagiye gutegura intonde zizwi kuburyo bazokorera ku gitigiri c’abanywanyi bazwi atari ukugira ingwiza murongo usanga zihurikiye mu migambwe myinshi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.