Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD : Umunsi wa 26 Ndamukiza ni ntibagiranwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Umunsi wa 26 Ndamukiza ni ntibagiranwa

MSD : Umunsi wa 26 Ndamukiza ni ntibagiranwa

mardi 26 Ndamukiza 2016, par egide

Umugambwe MSD umenyesha ko igenekerezo rya 26 Ndamukiza ari umunsi ntibagiranwa ku banyagihugu b’Abarundi biyamirije ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ihonyangwa ry’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Uwo mugambwe uvuga ko inyuma y’umwaka umwe warumanye kuri uwu wa kabiri, Abanyagihugu bagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza ukwo gusubira kwitoza, bamwe muri abo banyagihugu bagandaguwe, harimwo abanywanyi b’umugambe MSD.

Uwo mugambwe ushikiriza igitigiri c’abantu barenga 1500 bishwe muri ico kiringo c’umwaka, abarenga ibihumbi indwi barapfungwa, hamwe n’abarenga ibihumbi amajana atatu bateshejwe izabo.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa kabiri, bamenyesheje ko batazodebukirwa mu rubamba batanguje rw’ukwubahiriza amasezerano y’i Arusha, ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • Ariko Politique nimpano!!!!!!!!!! Sindumuja numwotsi wurumongi nturamuva mu mutwe ngo yakina Politique jew kenshi numviriza amajambo yagiye aravuga mucamake nta dero afise!!!!!!!!!MSD pore saaaana kuko ntaburongozi ufis T_T

  • IYONKURU NTACONDAYIVUZEKO GUSA NIMWIKEBUK MWOY KWISAMBURIRAKO!

  • Nimwibuke izontwari zahitanywe 3eme mandat ataco bizira bohogwa kubogora a Barundi mube maso namwe ntibabamese kuko abubu mbona umengo barya amavubi Mana garukira u Burundi nabarundi

  • Jew Murantwenza Abana Baband Murabashutse Barahwera Aband Barafungwa Ngo Nimanda.Muribipfu Kabisa Kwibuka Inosang Bibunguriki Atarukwibutsa Agahind Abavyey Bahekuw.Muzokwam Muhona.Shigikira Uwimye Murakimya Banyoko.

  • We wiyita "walas"!ahubwo umuntu yihweje neza ukuntu ushikirije icuyumviro, wongera utukana, biboneka ko ariwewe utagira indero. ni hamwe nyene uwugutuka atagutorera pole saana! mbega ubanza kunywa urumogi imbere yo kwandika ivyo wandika. ba wubaha abandi kugira nawe bakubahe!!!!

  • Mbega mandant niyo yatumye bazagutera ama cambi yagisirikare? Baribaziko igisirikare kigitwagwa nabenewabo barazosubira bazohera nkifu yimijira kudahanga imbwa......?

  • Abaturiwe nabo kobatavugwa nka bo muri 1993.Bangana gute?

  • IYISI NIMBI MUGA MWIBUKE YUKO TWAYISANZE NGAHA!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.