Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD yerekanye intumbero y’ibiganiro vyohuza Abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MSD yerekanye intumbero y’ibiganiro vyohuza Abarundi

MSD yerekanye intumbero y’ibiganiro vyohuza Abarundi

lundi 16 Rusama 2016, par egide

Mu mugambwe MSD bamenyesha ko bemera ibiganiro, ariko ibiganiro bemera akaba ari ivyotuma umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubiza ubutegetsi, kuko muri MSD bamwagiriza ko yahonyanze amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bavuga kandi ko ibiganiro bazokwitaba ari ibihagarika amabi n’ubwicanyi vy’agahomerabunwa biriko bikorerwa Abarundi, ibiganiro bishikana Abarundi ku matora ahurikiyemwo bose kandi abaye ku mugaragaro.

Umugambwe MSD uvuga ariko ko ata kintu gihambaye witeze muri ivyo biganiro, kuko bamaze kubona neza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ata gushaka afise kwo kuzigera yitaba ibiganiro vyokura abarundi n’Uburundi mu kaga k’ingorane barimwo.

Mu gihe ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bwokwanka kuja mu biganiro, bukima amatwi impanuro nyinshi bwaronkejwe kandi bubandanya kuronka zo kwitaba ibiganiro, umugambwe MSD wasavye akarere hamwe n’amakungu ko ibihano bikomeye vyoca bifatwa.


IGIHE

Messages

  • Birekere Imana MSD Mwe!Aishoboye Rurema.Gusa Muze Tuze Turasenga,apana Akarimi Gusa!

  • UYOMUNWA WANYU NIMUKOMEZE MUVUGE ARIKO MUMENYEKO NOKWIPFUZARICAHA KUBONA MWIPFUZA NGO NKURUNZIZA YOVA KUBUTEGETSI MANDA YIWE ITARAGERA MURASARA KANDI MUMENYE YARABACIRIY UMUGANI NGO LES CHIE BOI ME LES CARNAVAL AVANCE MUTAISHIA GUSEMATU

  • Kowihendagose pita yatowe nabayagihugu mwebge mwashimiye kudeta mbekomuguma musaba ibihano tukaba tuzi ko mutazosubira gutwara ivyo bihano bizogumaho kugera ryari

  • noe vyogenda gt? jew ndemera ibiganiro

  • MSD ariko murariye murahaze gushika aho muvuga ngo SOWANYU Petero NKURUNZIZA ngo nave ku butegetsi!Ntirikabe mwa MBWITI mwe!Muri ibijuju gusa!Kwisabira ibihano kabisa!!Muramenya ko NKURUNZIZA yitorewe na BENEGIHUGUuuuuuu!!!Ahubwo buce kabiri tumwongere asubire atware IGIHUGU!

  • Nta kindi kizoshobora Peter atari umuheto. Soit ni ukuwufata canke tutawufashe tukemera kuba abaja biwe.

  • Nta kindi kizoshobora Peter atari umuheto. Soit ni ukuwufata canke tutawufashe tukemera kuba abaja biwe.

  • Ewe Sinduhije nyagufatigwa ku giti! uribagiye ko mama wawe tubana mukigobe muriyanzu musangiye numuryango wawe,harimwo nigikuri ,banshorera ilengalenga muri DECA none ivyobihano nyoko nabarya babana ntibizobafata? mbega ko twe abakozi ba leta,abomwishimiriza bamaze imyaka itatu atamfashanya baha leta ntituguma duhembwa?ahubwo murarushe!!

  • Ewe Sinduhije nyagufatigwa ku giti! uribagiye ko mama wawe tubana mukigobe muriyanzu musangiye numuryango wawe,harimwo nigikuri ,banshorera ilengalenga muri DECA none ivyobihano nyoko nabarya babana ntibizobafata? mbega ko twe abakozi ba leta,abomwishimiriza bamaze imyaka itatu atamfashanya baha leta ntituguma duhembwa?ahubwo murarushe!!

  • Namba hakibaho guhumirwa namwe mwarahumiwe nka Kiranga!!!
    Ngo H.E Petero Nkurunziza aveho mbega yemwe yemwe yemwe!
    Nambavyukuri mutahumiwe nkakiranga ja ku kivi mwitegurire amatora yokuyikura, kuko nubundi azokwitoza muri 2020 igihe umugambwe wiwe uzomugomwa kukonayaba mwishinze kuvuga ngwaveho mukabura gusaba mumagurumashasha gutunganya canke gukosora ibwirizwashingiro ubutwisunze ibirikobiraba tukareba nukuntu ibwirizwashingiro ryuburundi ripanze ntakizobuza atongera kwitoza muruwomwaka wa 2020 mumisi niyaba ritarakosorwa tuzotangura kubasomera ibituma azokwitoza, haraho dusoma tugasanga azobatanguye ikiringociwe cambere nahandidusoma tugasanga azoba arikiringo ciwe cakabiri ivyovyose tuzobereka ahovyanditse.

  • gusnga uvuz ukuri,rka gutumunwa namb biruko ho ntizomwemerra kwabaho.azopfa.nimurk imana izamwihanir siko!

  • Nashaka Ndabamenyeshe Ko Imana Ariyo Yonyene Izi Inzira Yogutorera Inyishu Ikibazo C’ Uburundi . Kandi Yarayitweretse N’uko Tutemera Kuyicamwo. N’ayo N’iyi : Gupfa Ku Caha Tukagendana Ubugingo Bushasha Muri Kristo Yesu Arivyo Nokwita Kandi Kuvuka Ubwa Kabiri. Nayo Ubundi BaKristo Ntimugashushanywe N’ivy’iki Gihe. Nimureke Abakozi Ba Satani Buzuze igikombe Cabo, Ariko Mweho Mukovye Mu Gusenga Uko Wa Musi Urushaho Kutwegera. Imana Ibahe Umugisha

  • NUKURI.TUGERAGEZETURABE.NAYAHANDINAGAHOMERBUNWA.

  • Uwo vyankiye ntabura Uwo vyankana

  • Reka Turindire Ategek Abarund Ariko Ntategeka Imana Niyikorere Yo Nyen Irab Igikwiy.

  • Reka Turindire Ategek Abarund Ariko Ntategeka Imana Niyikorere Yo Nyen Irab Igikwiy.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.