Accueil > Amakuru > Mu makungu > MSF itunga urutoke leta ya Nigeria
MSF itunga urutoke leta ya Nigeria
vendredi 12 Ndamukiza 2013
Ishirahamwe MSF (Medecins Sans Frontiere), ryagirije leta ya Nigeria kuba ataco iriko irakora kiboneka mu kugarukira ku banyagihugu b’i Zamfara bageramiwe n’ubumara.
Abana barenga amajana ane na mirongo itanu 450 baramaze guhitanwa n’uburozi buva mu butare bwa plomb mu myaka ine iheze; abandi ibihumbi ni bihumbi nabo ubu bariko baravurirwa mu bitaro bitandukanye.
Ababa i Zafara bakoresha plomb irimwo ubumara bukomeye mu kwimba ubutare mu birombwe vyabo, bigaca bicafuza ubutaka bukikuje imihana yabo.
MSF ibaza igituma leta itarungitse abahinga n’abaganga ngo bakemure ico kibazo mumaguru masha canke amazi atararenga inkombe.
Leta ivuga ko iriko irakora ivyo ishoboye, igashira amakosa ku banyagihugu ivuga ko bimba ubutare bidaciye mu mategeko.
Leta iheraheza ivuga ko igiye gukenyerera ico kibazo.
Aristide Nizigire