Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : CNDD-FDD ntaco bavuga ku kutihanganiranira muvya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bujumbura : CNDD-FDD ntaco bavuga ku kutihanganiranira muvya (...)

Bujumbura : CNDD-FDD ntaco bavuga ku kutihanganiranira muvya politike

samedi 26 Gitugutu 2013

Imbonerakure zo mu gusagara ca Bujumbura zifatikanije n’abarongoye umugambwe wa CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura baramutse bahurira ku kibuga c’umupira mu Kibenga, muri komine ya Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo birori rero vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye bava mu mugambwe CNDD-FDD nk’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi, abashingamateka, abayobozi bakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, n’abandi.

JPEG - 2.8 Mo
Alexis Barekebavuge ari mu murwi w’abahumure ba CNDD-FDD

Mu majambo yashikirijwe muri ivyo birori rero, ryaba ijambo ryavuzwe n’umukuru w’imbonerakure mu gisagara ca Bujumbura, canke icegera c’umukuru w’umugambwe CNDD - FDD mu gisagara ca Bujumbura akaba n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ntaco bavuze kubijanye n’ukutihanganiranira muvya politike kwama kwavuzwe, canke ngo biyamirize ivyagirizwa urwaruka rw’imbonerakure rwoba ruhora rusomborotsa urundi rwaruka ruva mu yindi migambwe itavuga rumwe na Leta.

Uretse abariko bagirira ibirori ku kibuga c’umupira ca Kibenga, hari n’imwe mu miduga yari ihagaze, ikavugiriza indirimbo ziranga uyo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi hagati mu mabarabara, iruhande y’amazu y’abantu, ibitanezereye banyene impangu, kuko bavuga ko abana babo batashoboye kuruhuka muri ico gihe cose.

JPEG - 2.7 Mo
Umukuru w’imbonerakure mu gisagara ca Bujumbura ariko atamba bacemwo ntibabona

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.