Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’amashure busaba abigisha gutanga amanota
Ubushikiranganji bw’amashure busaba abigisha gutanga amanota
vendredi 27 Ntwarante 2015, par
Mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye basaba abigisha kwikubita agashi bagatanga amanota, kuko ikibazo cabo cerekeye ubusumbasumbane bw’imishahara kiriko kirirwa.
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Edouard Juma asaba abo bigisha ko bokwikubita agashi kuko ikibazo kiriko kirirwa, n’ibiganiro bikaba vyaratanguye. Mu gihe kandi abo bigisha batatanze amanota, Juma Edouard asaba ko ayo manota yobikwa neza, ahantu hakingiye ntihabe ubusuma.
Ivyo rero akaba abishikirije inyuma yaho kuri uno wa gatanu, abigisha bahurikiye mu masendika batatanze amanota nk’uko bari bagabishije.
Tubibutse ko ayo masendika yari yagabishije ko atazotanga amanota mu gihe Reta itokosora ubusumbasumbane bw’imishahara. N’aho ku munsi wa gatatu, hari hataguye ibiganiro hagati ya Reta n’ayo masendika, bararahiye guheba iyo ngingo yo kudatanga amanota, mpaka bagiranye na Reta amasezerano yanditse ateweko igikumu n’impande zose.
Floxella Karire
Messages
27 Ntwarante 2015, 18:13, par mwanafunsi
ubuse ni reta ihomba cange ni abana bahahombera!!!!????, nimwe mutuma igihugu canyu kidatera imbere,ubuse nokwigisha kubuntu bibaye ngombwa ntimwabikora??
28 Ntwarante 2015, 01:23, par pupils
@mwanafunsi,
Kwigisha kubuntu twabikora bibaye ngombwa. Niko se, uku kwezi utegerejye agashahara? Wakihojeje ukaza kudufasha kwigisha kubuntu! Ariko uzaze n’amaguru.
29 Ntwarante 2015, 08:17, par ntaryo
Reka turà be
30 Ntwarante 2015, 19:58, par DENIS
Ayo masendika nahereze abana amanota yabo barayakoreye,jew mbona ariyo atuma abana bacu basubirinyuma kandi leta yikokora