Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakosa yabonetse mw’itegurwa ry’amatora buca ashirwa ahabona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Amakosa yabonetse mw’itegurwa ry’amatora buca ashirwa ahabona

Amakosa yabonetse mw’itegurwa ry’amatora buca ashirwa ahabona

mercredi 28 Nzero 2015

Mu gihe hitezwe inama izohuza imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi hamwe n’umurwi CENI eka na bamwe mu bakurikiranira hagufi ikibazo c’amatora mu Burundi, imigambwe ivuga ko ibinenge vyibonekeje mw’iyandikwa buca babishira ahabona.

Ibinenge bitari bike bikaba vyari vyavuzwe n’abanyamigambwe batandukanye, na cane cane abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD eka mbere n’amashirahamwe akurikiranira hagufi ivy’amatora mu Burundi. Muri ivyo binenge vyavuzwe, hakaba harimwo nk’itangwa ry’amakarata menshi karangamuntu ku muntu umwe, ukwiyandikisha mu bibanza vyinshi kw’abanywanyi b’umugamnbwe CNDD FDD, guhenda abanyagihugu bakakwa bumwe mu bukarata biyandikishirijeko, n’ibindi.

Kuri ivyo vyose hamwe n’ibindi binenge vyibonekeje muri aya matora ariko arategurwa, bikaba bizoshirwa ahabona mu nama itegekanijwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Nzero kugeza ku wa 30 Nzero uwu mwaka, nk’uko bivugwa na Agathon Rwasa arongoye umugambwe FNL wigenga, usanzwe uri mu runani RANAC Dushayure Uburundi bwogorore.


Aristide Nizigire

Messages

  • C’est l’occasion pour EXIGER la validation du fichier electoral par une Commission de Controle Tripartite (Opposition-Pouvoir-Menub). Tout le reste est distraction. Cette Commission de Controle doit etre PERMANENTE dans tout le processus (saisie des données, distribution des cartes d,electeur et certification des resultats). La CENI doit etre auditée, a chaque etape.

  • Buryamushaka ntimwokwirwa murahangayikacane umvandababwire nivyabarivyo izondangamuntu zikabazaratanzwe wonyemezaguteko abazihawe bazocabatora umugambwe umwe? Ndababwizukuri urazovugako urumunyamugambwe kugatwekawe arikobaryabose wibaza kwarabanyamugambwe urimwo sikomugihe camatora bazotora uwomugambwe urimwo, nihabarero hariho abahawe indangamuntu mubikosore mwisunzeko bitemeweko umuntu atunga karangamuntu irenzimwe canke atarakwiza imyayemewe namategeko Yu Burundi, arikovyokuvuga ngobazotora uriyamugambwe sivyo mbere mubamusgatse kwerekanayuko umunyagihugu arikintu umuntakatisha ukoyishakiye kitagirumbwe bukwiye.

  • Abapoliticien canecane abagiye kurongora UBURUNDI ejo haza bashire imitimayabo kunyungu z’igihugu cab! niho bazosanga bafise umugisha uva ku Mana! nibatagira gjutyo bazoronka umugisha wa shetani ivyo murabibina kubategetsi benshi bategetse Afrika! murabona ingene baheza nabi! burya KUVUGWA NEZA KURUTA KUGIRA AMARONKOMENSHI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.