Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Mu gihugu c’Ububirigi barindiranye igishika isango Kidumu yabahe
Mu gihugu c’Ububirigi barindiranye igishika isango Kidumu yabahe
mardi 4 Ntwarante 2014
Inyuma y’igiteramo umuririmvyi Kidumu aherutse kugirisha mu gihugu c’Ubudagi mu gisagara ca Franckfurt, hari kw’igenekerezo rya 01 Ntwarante 2014 mu nzu y’ibiteramo yitwa Rebstocker Gunes Theater, ubu naho arindiriye ikindi giteramo azogirisha mu gihugu c’ububirigi.
Igiteramo yagirishije mu gihugu c’Ubudagi cabaye igitangaza nk’uko umuririmvyi Jean Pierre Nimbona azwi cane kw’izina rya Kidumu abivuga. Yagiye muri ico gihugu mu gihe no mu Bubirigi bari bamushashaye cane. Nico gituma yashimye kuvayo n’abo abateramishije.
Nk’uko bivugwa na Kiyoyo Juma amenyerewe mu gutumira mu Bubirigi no mu Buhorande, abaririmvyi bazwi bava mu gihugu c’Uburundi, umuririmvyi ukunzwe cane mu karere k’ibiyaga binini, Kidumu bamurindiranye igishika kidasanzwe mu Bubirigi mu gisagara ca Anvers ku butumire bwa Kiyoyo Juma.
Kiyoyo avuga ko, Kidumu yiteguye gushimisha Abarundi n’Abanyarwanda n’incuti zabo, batumiwe ari benshi muri ico giteramo kizoba kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante neza neza kw’ibarabara rya 12 Nerviersstraat, inomero 2018 Antwerpen/Anvers. Ku batahazi, Iryo barabara rishika ku masanganzira aho rihurira na Belgielei, riva mu Burengero rija mu Buseruko, rigahura ni ryitwa Charlottalei riva mu burengero rija mu Bumanuko bw’igisagara ca Anvers.
Kwinjira n’amahera y’amanyaburaya 15 (15 Euro) ayo mahera aragereranye, tuyashize mu marundi, kuko angana n’amafaranga 31.050 (31050 fbu)
Chérif Nkeshimana
Messages
5 Ntwarante 2014, 05:30, par Mama
Uburirimvyi wu murundi, wa East Africa, wa Africa, w’Isi yose, turagukunda.
5 Ntwarante 2014, 13:39, par Gicocoro
Niyirambire ntakabi kiwe,ariko yame yibuka gusenga uwamuremye kuko bimaze kwibonekezako iyo umuririmvyi yateye imbere aca aja mubifutete vyaba Illiminaty(Firmassoni)
6 Ntwarante 2014, 01:43, par Mama
Murambabarira ni umuririmvyi si uburirimvyi.
25 Gitugutu 2015, 23:55, par PRINCE
MUROSE AMAKURU YA KIDUMU