Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME yateguye urugendo rugana ku biro vy’Umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OLUCOME yateguye urugendo rugana ku biro vy’Umukuru w’igihugu

OLUCOME yateguye urugendo rugana ku biro vy’Umukuru w’igihugu

lundi 20 Gitugutu 2014

Mw’ishirahamwe OLUCOME bimirije kuja kubaza mu biro vy’Umukuru w’igihugu amadosiye amwe amwe yibonekezamwo amanyanga. Basaba abo bose bavyifuza gufatanya nabo kuko habandanya kwibonekeza ihonyangwa ry’amategeko mw’igurwa ry’ibikoresho bimwe bimwe.

Gabriel Rufyiri, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta atanga akarorero k’indege igiye kuzorerura umukuru w’igihugu c’Uburundi. Hambavu y’ivyari vyashikirijwe n’iryo shirahamwe, ko amwe mu mafaranga yaguze iyo ndege yoba yatanzwe narya shirahamwe rizokwimba ubutare bwa Nickel i Musongati, Gabriel Rufyiri amenyesha ko ayandi yavuye muri AMISOM, amategeko abanje guhonyangwa. Kuko ku bwiwe, ntivyaciye mu muco, ayo mahera abanze guca mu kigega ca Reta. N’inama nshikiranganji ntiyigeze imenyeshwa ikintu na kimwe ku vyerekeye iyo dosiye. Abandanya avuga kandi ko iyo ndege idafise ibibanza 14 nk’uko babivuze, ahubwo ifise ibibanza 11 gusa.

Akandi karorero Gabriel Rufyiri yatanze, n’imodoka zitanu zo mu bwoko bwa V8 zo mu biro vy’umukuru w’igihugu ziherutse kugurwa ariko ubu zikaba zivundiye mu kigo GEMAE. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi hamwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu barabihererekana bakanka gutanga umuco kuko vyabonetse ko vyabayemwo ubunyonyezi.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko ingaruka zo gukorera mu rufuri usanga ahanini ziguye ku munyagihugu muto. Gabriel Rufyiri aratanga akarorero k’ibanki nkuru y’isi yose yafashe ingingo yo kutazorungika amafaranga yo gufasha Uburundi yari yemeye bivanye n’uko Reta yanse gushira mu ngiro wa mugambi mpuzamakungu wo kwimba ubutare biciye mu muco ITIE ( Initiative dans la Transparence des Industries Extractives).

Umukuru wa OLUCOME avuga ko batagiye kwihanganira ko amategeko aguma ahonyangwa, ari naco gituma ahamagarira abo bose bavyifuza kwifadikanya n’ishirahamwe OLUCOME mu rugendo ategekanya kuri uno wa gatatu n’uwa kane amagenekerezo ya 22 na 23 Gitugutu 2014, urugendo ruzogana ku biro vy’umukuru w’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Ubikore ugaba kuko ubu bamaze gupanga ingene bazogufata.Nimba utarahoja agasho urabikore.Impanuro nuguha nuko bokurabira nawe akantu gato kugira ufate umunwa.Erega nawe baguhaye woceceka.

  • Arik abarundi namwe muragisibije bagurish indege muyih umunwa bagure indege ati ibara riraguye none karaciye ingani nihabe ikintu nakimwe coba kugenda neza.
    Nimugeze aho nukuri kand burya igihugu ntigitwarirw mwibarabara

  • Bandanyamutama ukurikujahabona.bandayimirije bamenyekane .kuko uwuga ukuriwese yama akuzira,ibuka, Mbonimpa ayoyabonye avuzukuri, Ariko abarundi hari hagezeko mwikuta agashi mukareka kuvuguri mubanjije gusorozwa, ibisa vyoose niyegeregere, emwe ikebuke !!!!!!

  • Ikigwarudubi yiyita John bamufunze harigitangaza kirimwo abobamaze guhohotera nibake kandi babahora ubusa rero twebwe abarundi turabimenyereye rero ntakabuza tutamufata mumugongo mutama Rufyiri turashigikiye iciyumviro cawe

  • turagushigikiye bandanya werakana nayandimasiha igihugu cuburundi gikwiy gutwarwa namakungu koko mbonda atacoroshe

  • Ndashimiye Nikobamye,Ntamatwbafis na mvuzo!binyeretse ko uburundi bugiye kogorora inyuma y’2015.Nabo john na king bateye isoni!nibikebuke!

  • Erega ibikukirandanka john vyamaho mbere ninavyo bisibije igihugu bampemuke ndamuke shirukuri ahabona mutama witeka ukwanka akwandureko. John nawe avugivyo arimuri babandi nyene azingene bama bamuvungurira ukuri agca agutwara mukwaha,abamezenkabo nibo batumye igihugu kitogorora,wanka kuvuga ukuri ukuzi uwundimubabo akakukuvugana.nabo atacozira mbona birigwa baturatuzwa. Ukurikuzoteba gutsinda ikinya caba ndayimirije kijahabona ,ntamvuridahita.

  • FARCON 50 mwari mwayitemwo umutego nguzohave uhitana umu president wacu!?,tuba twabimenye nkejo,mwashaka kuzovuga ko ryabaye isanganya nkayandi masanganya,bitagenze uko abo bamwebamwe bavyifuza ,mucamuvuzinduru ngoyagurishijwe atamategeko yisunzwe,none ubunaho turayisubirije niyindi ikiri nzima,itazobangamira ubuzima bwanyakwubahwa none unve muratanguye kuyogora none mwebwe muzoshika kuki?,tekereza muyobogwe mubandi banyagihugu,mujekukivi mukore ivyobateza imbere,umwe wese akore akazi ke.tureke kwinjiranira mumaganga,umwe wese ako ico yatorewe,cank washinzwe,muratey’isoni.

  • Je nibz uyu mutama rufyiri kwatarira busema nibz kwabbn hama avgr bos kand ntanabi yifuriz leta kimw gusa boraba kwivyavg arivy atarivy bakabibeshuza

  • mutama ntiwobanza ugahanuza, niwewe ugomba uhangare umukuruwigihugu! wewe urasumvya ijunj a mbonimpa! nasinduhije ! na lajabu! nabandi, erega igihugu ntigitwarirwa kumaradiyo .ivya peter vyo murabivuga. mbe komutavuga ivyiza vyakozwe .navyo ngo mutegure umunsi mukuru wokumushimira. niho bavugango inda yumworo iboneka agasamo uragendaaa

  • Uyo mugabo yasaze keeera cane ivyo si bishasha turamumenyereye

  • mutama jhon emezuko ikebuke muramenya ko ubusuma atawo bwereye .mutama. rufyiri ahubwo. bwase guca ngotugushigikire

  • mutama jhon emezuko ikebuke muramenya ko ubusuma atawo bwereye .mutama. rufyiri ahubwo. bwase guca ngotugushigikire

  • Abarundi muri ibipfamitima itunga ryigihugu ririko rira magwa numuntu umwe numugore wiwe none ngo ukuri ntikwo vurwa iryotera bwoba niryo tiriko turwanya muzoca ubwenge ryari amahera yatunga abarundi imyaka yigungireko abantu nabiri nonono abarundi nibavire hasi limwe dushigikire umushingantahe Rufyiri ntago twemeye ko igihugu kiba icapita na deniza gusa twara mutoy mugabo aho ariko adushira uburengeti kumaso biruko ngo hakwihenda wo kwihekura.

  • kumusaga ibibanza biruzuy rero uwo mugabo Rufyiri ashaka abata murudubi uwiyumva kumuherekeza agende asezeye menyako igihugu kititwar aho awuhimvye wese agir akajagari uko yishakiye

  • ABA DD NI TROP SAUVAGES BARYA VYOSE BONANA BOSE NATWE BAZODUKUBITA ARIKO REKA TUZORABE ...!!!

  • REKA HARAHO MWIBAZA KO GUHARANIRA INYUNGU Z’ABANYA GIHU BOSE KO BIKORA UMUNTU AFISE UBWOBA,EREGA PREZIDA AFISE ICO C’UBAHIRO ,AHANDI HOHO N’UMUNTU NK’ABANDI AKOZE IBITARIVYO BARAMUKEBURA.IRYO TERABWOBA NIRYO TURWANYA,AGASHO NAKO ,NGUYO NI MUKOREKO MWIRABIRE KO MUZORONKA N’AYO MAHORO MAKEYA MUFISE KO MUSUBIRA KUYARONKA,PIERRE CLAVER UBU NTIYIDEGEMVYA,MANDELA NTIYABAYE RURANGIRANWA KANDI YAPFUNZWE 27 ANS.BA MUREKA iterabwoba ubu nta bwoba tukigira.rufyiri n’umushingantahe w’ijambo akunda uburundi n’abarundi dukeneye abantu mwe nabo

  • urumukungu king!ngirurimbonerakure da!ikebuke!ahibirikobibera muburundi ntibikubabaje!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.