IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Mu masaha 48 ingingo nshasha kuri Bob Rugurika iramenyekana

Mu masaha 48 ingingo nshasha kuri Bob Rugurika iramenyekana

lundi 2 Ruhuhuma 2015

Bob Rugurika yasubiye kwumvirizwa aho asanzwe apfungiwe mw’ibohero ryo mu ntara ya Muramvya.

Abacamanza bo muri sentare ikukira igisagara ca Bujumbura bakaba bamusanze i Muramvya, aho Emmanuel Nkurikiye icariho c’umushikirizamanza mukuru w’igisagara ca Bujumbura yasavye ko Bob Rugurika Rugurika yogumizwa mw’ibohero, kugira bamubuze kubonana n’uwiyemereye ko ariwe yishe ba babikira batatu b’abatariyanokazi, kuko mu butungane bavuga ko bafise amakenga ko umuyobozi wa RPA yohava afasha uwo mugabo guhunga ubutungane.

Ababuranira Bob Rugurika bakaba bavuga ibisabwa n’uwuserukira na Emmanuel Nkurikiye icariho c’umukuru wa parake ikukira y’igisagara ca Bujumbura bitagira ishingiro, kuko Bob Rugurika ahawe umwidemvyo akaburana ava iwe, atacovyokwonona, atari ico vyokiza. Urwo rubanza rwatanguye nk’igihe c’isaha zitanu z’umuhingamo zo kuri uyu wa 2 Ruhuhuma uwu mwaka, rukaba rwitabwe n’abantu batari bake harimwo abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, amaradiyo, abashingwamanza batandukanye n’abanyagihugu benshi.

Mukamenya ko n’urwego rw’abashingantahe mu Burundi rusaba ko umuyobozi wa RPA ijwi ry’abanyagihugu yorekurwa vuba, kandi urwo rwego rugasaba ishengero rya Gatorika hamwe n’igihugu abo babikira bavamwo gufasha kugira ukuri kuje ahabona. Patri Adiriyano Ntabona, akaba yabivuze igihe yari avuye kuraba Bob Rugurika aho i Muramvya, aho amaze iminsi abohewe. Amasaha 48 rero akaba ariyo arindiriwe kugira hamenyekane namba Bob Rugurika ashobora guhabwa umwidegemvyo, akaburana ava iwe, canke azogumizwa mu munyororo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bobo rugurika ndakwipfurije kuburana widegevya. Mbega harya ivyo mwatangaje murabiteye ivyemezo Koko?

  • aAmasengesho menshi .....................madamme president arahukana hamwe utavuyeyo .yasaranye umugabo wiwe ngo areke kwiteza utubwa .........

  • Kurekura Bob Rugurika n’ugupfungura ukuri gupfunzwe. Isi yose yugawe umunwa, n’ico gituma kumurekura ari ukwiyambika umutamana, kwisubiza ijambo abamupfunze biyatse. Nta nkeka ko BobRugurika yidegemvya ukuri kuri burya bbwicanyi kuzoja ahabona hakavaho igipfungu umuco ukaboneka. Intango niyo ipfunzwe.

  • Ukunde mugenzi wawe nkuko wikunda, Bobo ntiyakunze baryababikira nkuko nawe yikunda, umvendababwire, iyo uryamintu yarivuyekwica baryababikira akaza agahinkuru Bobo yukuntuyabishe iyo Bobo yabwirwako avuyekwica mama wiwe atamiriye amenyo ahonyene ntakibuza yariguhamagara abajejwe umutekano bakamufata, ariko kubera kudakunda nyinawamugenzawe nkuko ukunda uwamwibarutse, amazekwumvako avuyegukora ibara yarakoze ukobishobokakwose kugira amutorokeshe acayongera afatumwanyukwiye wokugumavugana nabantubatandukanye kugira basabe uwomuntuko hobafasha akemezako mugupanga kwica baryababikira harimwo bantuze nabanaka atikubavugarero nokutabavuga icaha kuriwewe kigumaricakindi, atariko ubavuze tuzokora ibisbobokavyose ntufungirwe ngahamiburundi ngotuzosaba amakungu kovyobavyiza nimiburiburi ugafungirwa mukindigihugu kitariki kirongiwe naba DD atimbere bikunze tuzogufasha ugende wishikane i Roma mu Butariyano atimvugo izogume ariyayindi yokuguma uvuga bariyabantuko mwabiteguriye hamwe turebekobotuvako uzobudukoreyeneza.

  • Bobo ndakwifurije kuva murubwo buroko kandi bizoshoboka!

  • mbega mana ubutungane,buzokora ryari mu burundi?????bob,turi inyuma yawe

  • Yamuhanuye neza ahubwo sukwiteza utubwa n,ugusubiza n igihugu inyuma n ugushavuza abanyagihugu narekurw vraiment.

  • Yamuhanuye neza ahubwo sukwiteza utubwa n,ugusubiza n igihugu inyuma n ugushavuza abanyagihugu narekurw vraiment.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.