IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu mpera z’umwaka wa 2012,umutekano wari wifashe neza muri rusangi

Mu mpera z’umwaka wa 2012,umutekano wari wifashe neza muri rusangi

jeudi 3 Nzero 2013

Mu minsi mikuru iheza umwaka twaraye duhejeje umutekano wari wifashe neza muri rusangi mu gihe atahantu henshi wahungabanye ku buryo vyotera ubwoba abanyagihugu.

Nkuko umuvugizi w’igipolisi yabimenyesheje,ngo muri rusangi umutekano mu minsi mikuru iheza umwaka wa 2012 wari wifashe neza mu ntara zose naho nyene hari hamwe hamwe hibonekeje ko hahatswe kuba ubusuma n’amasanganya yo mw’ibarabara.

Mu karere k’uburengero,nta ngorane nyinshi zabonetse uretse ko mu gisagara ca Bujumbura hari abasuma bagomvye kwiba imodoka kw’ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore impande y’ibanki Bancobu isaha imwe y’ijoro.

Ahandi vyagenze ukwo ni kw’ishengero ya Pentecôte aho naho nyene imodoka yagomvye kwibwa isaha zine z’ijoro.Izo modokari zose zikaba zaragarujwe n’igipolisi c’igihugu ndetse n’umusuma umwe akaba yarafashwe.

Muri komine ya Gihanga IBubanza,mu bucagucagu buca ari kuwa 1 nzero,umugabo yari yanyoye urukanwa ruramushika akaba yashatse kurwanya umupolisi ariko bagenziwe bakaba baciye batabara mu maguru masha.

Mu karere ko mu bumanuko no mu buseruko,nta ngorane ihambaye yibonekeje uretse ko habaye amasanganya atatu yatumye abantu bakomereka IMuyinga n’IKarusi,mu karere ko hagati ikiziga c’umukenyezi caratowe isaha cumi n’imwe yo kuwa 31 kigarama 2012.

Mu karere ko mu buraruko,abayoboke ba Zebiya bagomvye gukoresha inguvu mu kuja mu kibanza basengeramwo babujijwe n’abajejwe intwaro n’igipolisi barahagaritswe.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.