Accueil > Amakuru > Poritike > Mu mugambwe FROLINA ibintu ntivyifashe neza
Mu mugambwe FROLINA ibintu ntivyifashe neza
lundi 11 Ruhuhuma 2013
Abagize urwego rushasha rurongoye umugambwe FROLINA barongowe na Andre Ndayiragije,barakubiswe n’abantu bataramenyekana igihe bariko bagirisha inama mu gatete hafi ya komine ya Rumonge.
Hari kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma umwaka w’2013,aho urwego rushasha rurongoye umugambwe FROLINA rwakubitwa n’abantu gushika ubu bataramenyekana,aho bariko bagira inama mu Gatete hafi ya komine ya Rumonge.
Nk’uko amakuru dukesha bagenzi bacu bo ku nsamirizi y’igihugu bakorera i Bururi abimenyesha,ngo iyo nama yari iyo gusigura imvo yatumye haba isubirizwa rya Joseph Kalumba yahora arongoye uwo mugambwe.
Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha,ngo ivyo vyabaye vyoba vyatumwe na Joseph Kalumba mu gihe wewe abihakana.Abo bakubiswe bamenyesha ko batswe n’ivyo bari bafise harimwo ama agenda bica bishikirizwa Joseph Karumba,ariko n’ivyo nyene Joseph Kalumba arabihakana.
Tubamenyeshe ko igipolisi camaze gutangura amatohoza kugirango gitore umuco kuri ivyo vyabereye aho mu ntara ya Bururi.
Marie Claire Ingabire