Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi NZORAMA wa COPRODAC uriko ufasha abategura n’abakina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umugambi NZORAMA wa COPRODAC uriko ufasha abategura n’abakina (...)

Umugambi NZORAMA wa COPRODAC uriko ufasha abategura n’abakina amareresi

mardi 16 Kigarama 2014

Mu ntumbero yo gushigikira no gutanga ubumenyi ku banditsi n’abategura amareresi, haratanzwe ivyigwa bifise ihangiro ryo kumenya igikorwa n’akamaro k’abategura amareresi(producteurs) eka n’impapuro ndangabikorwa zaratanzwe.

JPEG - 58.3 ko
Dorine BURASHITSE

Dorine Burashitse akurikirana ibikorwa mu bihugu icenda vyo muri Afrika n’Uburundi burimwo mw’ishirahamwe ry’Ababirigi ’’Africalia’’ yari mu batanga inyigisho. Ku bwiwe, izo nyigisho zatanzwe mu ntumbero yo gushira mu ngiro ihangiro ry’umugambi NZORAMA. Umugambi NZORAMA watangujwe na COPRODAC (Collectif des Producteurs de Développement de l’Audio-visuel et du Cinéma) mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’ 2014. Umugambi NZORAMA ufise intumbero nyamukuru zibiri: gufasha abakinyi n’abategura amareresi mu kubakarihiriza ubwenge hamwe no gufasha mw’iterambere vy’igihugu haba mu mibano, ubutunzi, intwaro rusangi n’ibindi.

Dorine Burashitse asigura ko mu vyigwa vyatanzwe harimwo kwereka akamaro k’abategura amareresi (Producteur) hamwe n’igikorwa bajejwe. Abo rero bategerezwa kumenya neza umugambi bagiye gukora, bakibaza aho bazokura uburyo buzobafasha kugira imigambi yabo iranguke n’ingene bazokurikirana umugambi wiwe gushika uhere.

Mwomenyako inyigisho zamaze indwi zibiri zibera mu ntara ya Ngozi, iyo ntara yatowe kugira abatowe 9 bahabwe inyigisho bazikurikire badakebaguzwa kuko zari ngira kamaro. Abo nyene baciye bahabwa impapuro ndangabikorwa (Certificat). Izindi nyigisho zikazotangwa mu ntango z’umwaka w’i 2015.

JPEG - 216.8 ko
Photo Akeza.net: Abaronkejwe inyigisho

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.