Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu runani FORSC baributsa isekeza "Vendredi vert" ry’ugusaba irekurwa rya (...)
Mu runani FORSC baributsa isekeza "Vendredi vert" ry’ugusaba irekurwa rya Mbonimpa
mercredi 28 Rusama 2014
Bamwe mubahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bagendeye Petero Karaveri Mbonimpa aho apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Bamenyesha ko basanze yifashe neza, kandi ko yiteguriye kwerekana mu butungane ivyemeza ko amakuru yatanze ariyo, ko hari urwaruka rw’abarundi rutwarwa mu myimenyerezo ya gisirikare muri Congo.
Muri runani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, bagendeye mugenzi wabo Petero Karaveri Mbonimpa apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Justine Nkurunziza, arongoye COSOME, rimwe mu mashirahamwe yari yagendeye uwo mukuru wa APRODH, yamenyesheje ko basanze amerewe neza, naho ari kure y’umuryango wiwe. Petero Karaveri Mbonimpa yabamenyesheje ko abandanya kwakira abamwitura mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kandi ko yiteguriye kuzokwerekana ivyemeza vyose ko ivyo yavuze ko ari ukuri.
- Justine Nkurunziza arongoye COSOME
Nk’uko Justine Nkurunziza arongoye COSOME yabimenyesheje, Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko abandanya gutororokanya ibikenewe vyose, akaba yiteze ko ashikanwa muri sentare kugira ashire ahabona ivyemeza ko urwaruka rw’abarundi rwajanwe mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Mu kubandanya gusaba ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa, ayo mashirahamwe yibukije isekeza batanguje ariryo "Vendredi Vert", abantu bose bashigikiye ko umukuru wa APRODH Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa ko bokwama bambaye impuzu zirimwo amabara y’urwatsi rubisi ku munsi wa gatanu, kugira berekane ko umwambaro w’urwasi rubisi utakiri uw’abanyororo, ahubwo usigaye ari uw’abantu bose bashigikiye ko ubutungane bwokwigenga.
- Bamwe mubari bagiye kugarukira kuri Petero Karaveri Mbonimpa
Egide Nduwimana
Messages
28 Rusama 2014, 14:18, par ERNEST
MUPFASONI JEWE NOBAKEBURA KO IRYO BARA RYICACTSI KIBISI ATACO RIZOBAFASHA, AHUBWO MWARI MUKWIYE KWAMBARA AMAGUNIRA MUKISIGA IMINYOTA, HAMA MUKAJA KURIRIRA IMBERE YA MPIMBA. NDAZIKO MURI ABAZIRA GISABISHO, NIMUSOME MUGITABO CA ESITERI MURABE INGENE IMANA YISHUYE MOREDEKAYI NA BAYUDA KUBWO KWAMBARA AMAGUNIRA. IVYO NTIMURUHA MUVYIBUKA KUKO MUFISE IBINDI MUGAMIJE. JUSTINE NKURUNZIZA JA KURI SITE YA CIRAMUNDA RICHARD bujumbura.be UMENYE ABAGIZE URUHARA MWIFATWA RYA MBONIMPA. MUREKE GUTAKAZA UMWANYA
28 Rusama 2014, 14:42, par ferdinand
NONE KWARI KWIGA NUGUKORA AKAZI KIWE NEZA, GABANYA INDURU YAGUSABA KO ATAHA ATARAHEZA NAKAZI AFITIYEYO. RUPFIRI NA RUHONGO NDANEZEREWE NUKUBONA YAHINDUYE AGAHUZU KANDI ARABEREWE, KOYAVUYE MURI YAMASHATI YA KOTEBU.
28 Rusama 2014, 15:54, par Muyinga
Wamusaza!!ico uzira ukaziririzwa ntuhirahire ngo utambuke nakanyugutu kimetero imwe usohoka iyo mpiba utatororokanije amakuru yose ashoboka kuri buri muntu ari ngaho,kuko turarushe !kwama tuvyarira mpimba!ivyemezo vyawe uraba urabishingura kure ntihagire nakanyegeri kabihitana!!ndabashimiye abaguhaye urwo ruhusha rwo kubonana nabo wahora uharanira kuko wahora umanza gufukamanga kugira uvugane nuwo ukeneye nahonyene bakaguha akanya ko kukiyiko.sindakubesha kugushirayo ngo vyavuye hejuru sinzi aho bazobicisha ngo bagusohore.iyo ntwaro nruyoya rwama ruriko rurayiburira ntiyumva..igipfapfa cibwira ngo nta mana ibaho .. Igipfa caburiwe ni mpongo!!akataretse kabagasema!!UMANIKA AGATU WICAYE UKAKAMANURA UHAGAZE! Nyakwubahwa mukuruwigihugu ko mwitwa Nkurunziza iyo niyo nkuru nziza watuzaniye yo guhereza abantu mumpimba?jw niteze inkuru yamwe nyezina wtanze imihoho kuko nawe si wewe ndibaza ko ukoreshwa! Kandi wobikora gutyo ntacobura ko usubira kuriyo ntebe witoje kugatwe kawe.heba utarahebeshwa!!!
29 Rusama 2014, 03:48, par Mama
Jewe impuzu zanje nkazose zisanzwe zirimwo ibara ryurwatsi rutoto nzokomezakuzambara maze kwakwihendakwanyu muzocemwibaza ngondimumurwi winjavyi! Mberebiciye binyibutsa umumenyeshamakuru yigezekumbarira ngo avuye kwiyamangura mwibarabara mugihe ca Ruvakuki, yavuzati ibibintunavyo vyizinani ngonizabamenyeshamakuru bizakudusigakure! ngombere ubirevye womengo ntamuntu muritwebwe akigira uburenganzira bwoguhitamwo, ngowihenze ukareka kwitabira ivyavuzwe ngusanga nokwicwa wokwicwa canke bakagushirako iterabwoba, ngojewe iyaba harihahandi nokwironkera akazi ngwibibintu vyitangazamakuru nobivuyemwo ngokuko usanga wagiye mubintu utiyuvamwo, ngonerero nabonye aba polisi baje kuduhagarika ncandiruhutsa mboneraho kwitahira. Nabarero mubonangaha kwayamafoto bakanuye amaso burya sibose bashigikiye uwomugambi wa Pacifique wokwirirwa abategeka ngokoribi nabiriya, Pacifique anyibukije ibigabo vyibihutu kera wasanga akagabo kagatutsi kamwe kariko karabitegeka ivyobigabo bingana nka 50 kakabikoresha ivyogashaka, kabibwiye ngo ngendamuzane naka ngokuko numumenja vyacabigenda ntanakimwe vyabaza. Pacifique rero arabinyibukije iyo ariko arakomanda utudukuru twamashirahamwe udukuru kwimigambwe ko dutegerezwa kwambara ngwimpuzu zurwatsi rutoto vyasebikunze twose wumvango’ egotuzozambara kandimuvyukuri urumuntu wumugabo canke umugore ivyovyokwambara ibitukura ntibishobora kuzopfabihanaguye ivyaha Mbonimpa yagomba akorere uburundi na barundi. Nkatwebwe abantubaba phasoni babushitse twobbwira abobantu tuti: twese nimuze dusemerere tubwire sentare tuti: turasabiye ikigongwe umutama Pierre Claver Mbonimpa nubwo yemeye akagereka ibintu bitakozwe nabarundi akabibagerekako, ati muravye nimyaka agezemwo yobimutuma, twese ubu tubatwarahinduye imvugo tugatangura kuvugako bobireba bakamudohorera bakamurekura akaburana arimuhira, Ariko ivyovyokuguma mugagaza musanaberekana ko abacamanza buburundi mubategeka ukomwishakiye mubereka ko arimwebwe mushoboye mukoresha niterabwoba ryishiryishi, twebwe abenegihgu ntituzigera natwe tubihanganira. Mbegishano! wamugani wabanyarwanda.
30 Rusama 2014, 05:53, par philbert
Amajambo yabananiye kuvuga ubu mugira muvugishe Impuzu nazo hahah!! Muri ku gatsi ka nyuma n’ukuri inguvu zabaheranye mugabo nta wobabuza kudedemba twebwe turindira sentare ice urwo rubanza kuko si amajambo yanyu azoruca hama agume afasha abo bapfungwa abegereye hafi mu mpimba nivyo vyoba vyiza gusumba