Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu runani rw’abamenyeshamakuru baritavye sentare ntahinyuzwa
Mu runani rw’abamenyeshamakuru baritavye sentare ntahinyuzwa
samedi 9 Munyonyo 2013
Mu runani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ : Union Burundaise des Journalistes) baritavye ku munsi w’ejo kuwa gatanu imbere ya sentare ntahinyuzwa kugira basigure ingingo zitubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ziri mw’itegeko rigenda abamenyeshamakuru umukuru w’igihugu aheruka guterako umukono.
Umwe mu bashingwamanza bariko bakurikirana urwo rubanza kw’izina ry’urunani UBJ (Union Burundaise des Journalistes), yamenyesheje ko ibikorwa vyo ku munsi w’ejo vyagenze neza kuko basiguye ivyipfuzo vyabo, bongera bishura no ku bibazo vy’abacamanza.
- Umushingwamanza François Nyamoya
Umushingwamanza François Nyamoya amenyesha ko bafise umwanya ukwiye wo kwerekana n’ugusigura izo ngingo zose ziri muri iryo tegeko riheruka kwemezwa kugira rigenge umwuga wo kumenyesha amakuru. François Nyamoya amenyesha kandi ko basavye ko iryo tegeko ryohutwa ryose, n’aho bishoboka ko rihindurwa muri izo ngingo zimwe zimwe, kuko abacamanza nabo bashobora kwemeza guhindura ibitisunze ibwirizwa shingiro gusa. Kubwa François Nyamoya, n’aho hohindurwa izo ngingo gusa zitubahiriza ibwiriza shingiro vyoba bikwiye. Ibizova muri urwo rubanza rwashizwe mu mwiherero bizomenyekana hanyuma.
Egide Nduwimana
Messages
22 Ndamukiza 2015, 10:18, par abel nduwimana
enibahe ubwigenge bwabo ntibasubirekubahotera,