Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu runani rw’abamenyeshamakuru baritavye sentare ntahinyuzwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu runani rw’abamenyeshamakuru baritavye sentare ntahinyuzwa

Mu runani rw’abamenyeshamakuru baritavye sentare ntahinyuzwa

samedi 9 Munyonyo 2013

Mu runani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ : Union Burundaise des Journalistes) baritavye ku munsi w’ejo kuwa gatanu imbere ya sentare ntahinyuzwa kugira basigure ingingo zitubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ziri mw’itegeko rigenda abamenyeshamakuru umukuru w’igihugu aheruka guterako umukono.

Umwe mu bashingwamanza bariko bakurikirana urwo rubanza kw’izina ry’urunani UBJ (Union Burundaise des Journalistes), yamenyesheje ko ibikorwa vyo ku munsi w’ejo vyagenze neza kuko basiguye ivyipfuzo vyabo, bongera bishura no ku bibazo vy’abacamanza.

JPEG - 71.6 ko
Umushingwamanza François Nyamoya

Umushingwamanza François Nyamoya amenyesha ko bafise umwanya ukwiye wo kwerekana n’ugusigura izo ngingo zose ziri muri iryo tegeko riheruka kwemezwa kugira rigenge umwuga wo kumenyesha amakuru. François Nyamoya amenyesha kandi ko basavye ko iryo tegeko ryohutwa ryose, n’aho bishoboka ko rihindurwa muri izo ngingo zimwe zimwe, kuko abacamanza nabo bashobora kwemeza guhindura ibitisunze ibwirizwa shingiro gusa. Kubwa François Nyamoya, n’aho hohindurwa izo ngingo gusa zitubahiriza ibwiriza shingiro vyoba bikwiye. Ibizova muri urwo rubanza rwashizwe mu mwiherero bizomenyekana hanyuma.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.