Accueil > Amakuru > u Burundi > Mubane n’abandi mu mahoro mubudasa bwanyu
Mubane n’abandi mu mahoro mubudasa bwanyu
lundi 11 Ntwarante 2013
Umurwi w’abanyeshure bahurikiye muri JRR waragenywe kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya cenda Ntwarante 2013 kuri kaminuza y’ibiyaga binini kubiro vy’intara ya Bururi,aho naho hari hakoraniye abanyeshure biyitirira umugambwe UPRONA.
Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’umugambwe UPRONA umushingamateka Charles Nditije hamwe n’umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Claude Ndihokubwayo akaba asanzwe ariwe anajejwe uwo murwi w’urwaruka rwo muri UPRONA.
Umushingantahe Charles Nditije yasavye urwo rwaruka rwiyitirira UPRONA ko bobana n’abandi mu mahoro mubudasa bwabo hama bakanitaho cane ibikorwa.
Karire Floxella