Accueil > Amakuru > umutekano > Mugamba : Abantu batatu bafashwe ahiciwe umuntu
Mugamba : Abantu batatu bafashwe ahiciwe umuntu
mardi 30 Myandagaro 2016, par
Igiporisi cataye muri yompi abantu batatu bo muri komine Mugamba intara ya Bururi, ahaheruka kwicirwa umwigeme yarashwe n’abantu bataramenyekana. Abo bafashwe bapfungiwe mu gasho k’igiporisi muri komine Mugamba.
Muri abo bantu bafashwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, harimwo umwe yahoze mu gisirikare ca kera (ex-FAB), yahora aba ku musozi wagandaguriweko uwo mwigeme w’imyaka 25.
Uwo yishwe arashwe ku munsi wa gatandatu ni umwigeme azwi kw’izina rya NAHIMANA Floride, akaba yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.
IGIHE
Messages
30 Myandagaro 2016, 12:06, par Niyizonkiza Jean
Nibafatwe Bahanwe Umwigeme Yarafis’umutima Wugugunda Igihugu Mukudomako Abaroberi
30 Myandagaro 2016, 13:01, par Kuri
Mbe niyonzima jean , kuvuga ngo nibafatwe bahanwe ,wewe aho siwewe wamwishe ngo ukwegere abandi? Ikibabaje I burundi nikimwe ntiwibuka EJO
31 Myandagaro 2016, 09:17, par Mtuukaz
Nabazwe!