IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Muramvya : Abanyagihugu baribaza namba bamwe mu bacamanza boba (...)

Muramvya : Abanyagihugu baribaza namba bamwe mu bacamanza boba bahembwa?

lundi 16 Kigarama 2013

Abanyagihugu 32 kuri 91 babajijwe n’ishirahamwe CAJAC mu cirwa ryakoze rifashijwe na ABUCO mu ntara ya Muramvya, basanze abanyagihugu batanga igiturire kugira bashobore kurenganurwa ku vyo bafitiye uburenganzira.

Abo banyagihugu bashika kuri 32 bo muntara ya Muramvya bavuga ko baciwe amaboko n’abari kubatunganiriza mu kubaka ibiturire bitagira ukwo bingana, bavuga ko bimwe mu vyo batanga usanga harimwo amafaranga cane cane hamwe n’inzoga.
Muri abo banyagihugu rero babajijwe muri iyi ndwi twaraye turangije, bakagiriza abantu bamwe bamwe bari mu bisata vy’ubutungane n’abaporisi, kuba aribo bakamanikiwe mu kurya ibiturire muri iyo ntara ya Muramvya. Abacamanza bo mu masentare y’intango yo muri iyo ntara, bakaba barya ibiturire ku mugaragaro, bakabisaba abanyagihugu atacamira, kandi igitangaje, bakaba babibasaba mu gihe baba bagira babarenganure mu vyo bafitiye ububasha. Mu banyagihugu 32 bemeza ko batanze igiturire, 27 bavuga ko bagihaye abacamanza bo mu masentare y’intango, mu gihe batanu basigaye bavuga ko bagihaye abaporisi.

Abo banyagihugu 91 babajijwe, bakaba bamenyesha ko imanza muri za sentare ziteba cane cane nk’imanza z’amatongo, aho usanga kugira ushobore kurenganurwa, usabwa kugira ico uhaye abo bari bajejwe kubatunganiriza, bagaca bagirako babasaba amafaranga y’igiturire kugira babatunganirize. Abo banyagihugu babajijwe bakibaza namba abo bacamanza bagira ivyo bahembwa, mu gihe n’umunyagihugu nyarucari atagira icepfo na ruguru, atawe aja kwiba, ariko abo bize bakaba aribo bagaruka bakiba abanyagihugu, ataco bafise.

Ishirahamwe CAJAC rero rikaba rimenyesha ko rigiye kuzokwitwarira abo bose bagirijwe gusahura abanyagihugu, bitwaje ibibanza bafise n’ubuzi barangurira igihugu n’abanyagihugu, maze bagasahura abo bari bajejwe gutunganiriza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imakamba hoho barengeje urugero uwitwa Renovat aratembeze igihugu

  • Ni ibara ku mutemere. Abo bacamanza barakwiye kwisubirako atari aho naho bagahanwa canke bagasubirizwa. Ujua wumva ngo imodoka nta gitoro kirimwo bagaca batanga isango inyuma y’umwaka urenga. Ukamengo nta budget ministere yabo ibagenera ku kwezi.

  • Amahoro jewe novugako abacamanza nose bogira akarangamutima kibanga bafise mukazi kuko uwaka igiturire abayikwegera umuvumo tugasabako mugutanga akazi bokwirinda kwaka ibiturire kuko uwagitanze mukukaronka acumengo umwuga wabo niko ukorwa mugihe biba biherey hejuru. Twosaba ko vyogigwa indahiro kukobibabaje cane mugihe babikorera abantu babaye mumitima

  • Nohanura abanyagihugu kugirisha Photocopies z’inoti bagiye gutanga hanyuma bace bahamagara inzego zijejwe kwubahiriza amategeko hanyuma babafate babapfunge kandi uwufatanywe itonga atangazwe ku nsamirizi hanyuma ace yirukanwa.abandi bakwiye gufasha ni abo muri Documentation!Bakigira abanyagihugu kugira bafate bamwe bamwe biba Abenegihugu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.