IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya : Imvura yaguye yabomoye amazu arenga 50

Muramvya : Imvura yaguye yabomoye amazu arenga 50

mardi 7 Gitugutu 2014

Imvura yaguhye ku musozi wa Kirama muri komine ya Muramvya yononye ibitari bike.

Amazu, imirima n’ibindi bitandukanye bikaba vyononywe n’iyo mvura yari ivanze umuyaga mwinsi. Amazu yabomotse akaba arenga mirongo itanu. Imirima yo nk’uko abanyagihugu bo mu Kirama babivuga urubura rwaguye rukaba rwarayononye bidasanzwe, yose ikaba yamaze kubenja.

Abanyagihugu bo kuri uyo musozi wa Kirama basaba abatware bo hejuru co kimwe n’abagiraneza kubagarukirako, babafashishe amabati, hamwe n’imfungurwa, kuko aho barimye ataco bazosoroma. Bavuga ko inzara igiye kubicira mu bana,mu gihe bari barimye. Iyo komine ya Muramvya rero rikaba ritabaye irya mbere imvura ibononera imirima. Aho imwe mu misozi igize iyo komine yigeze guhura n’imvura,imirima irononekara cane haraheze iminsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.