Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muramvya : Inzuzi za Rubarazi na Nyabukongoro zateye imirima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Muramvya : Inzuzi za Rubarazi na Nyabukongoro zateye imirima

Muramvya : Inzuzi za Rubarazi na Nyabukongoro zateye imirima

vendredi 6 Ruheshi 2014

Imvura yaguye muri komine ya Muramvya muri iyi ndwi, yatumye inzuzi za Rubarazi na Nyabukongoro zuzura indimo mu myonga, abanyagihugu baharimiye bakavuga ko bifumbereje.

Imyonga yegereye inzuzi za Nyabukongoro na Rubarazi ubu ikaba yuzuye amazi n’ivyondo, imirima igizwe n’ibiraya n’imboga ubu ikaba yatwawe, kandi ariyo yari itunze abo banyagihugu. Bavuga ko imboga hamwe n’ibiraya, iyo vyeze babifungura, ibindi navyo bakabishora mu masoko atandukanye yo mu ntara za Muramvya, Gitega n’igisagara ca Bujumbura. Abo banyagihugu bakamenyesha ko ubu ubwanwa bwapfutse umunwa.

Babandanya bavuga ko n’imirima y’ibiharage yaboze kubera iyo mvura. Bavuga ko inzara igiye kubicira mu bana, kandi bari barasohoye amaboko. Basaba abagiraneza kubafasha, kugira inzara ntibicire mu miryango.

Iyo mvura yaguye muri iyo komine iri mu ntara ya Muramvya, ikaba yononye n’amashure. Ishure rya Muramvya ya kabiri, rikaba ryasambuwe n’iyo mvura ibirasi bibiri, ibisakazo vyagurutse, ibirimwo navyo birononekara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.