Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya: Lycee Muramvya yarungitse abanyeshuri mu mihana yabo
Muramvya: Lycee Muramvya yarungitse abanyeshuri mu mihana yabo
mercredi 27 Nzero 2016
Ubuyobozi bwa Lycee Muramvya bwafashe ingingo yo kurungika abanyeshuri mu mihana yabo,inyuma y’iminsi itatu bahagaritse ivyigwa kubera mu bubiko bw’ibifungurwa atagisigayeyo.
Iyo ngingo yafashwe n’ubuyobozi bwa Lycee Muramvya kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nzero 2016,bumenyesha ko butogumiza abanyeshuri mu ndaro kandi ububiko bw’ibifungurwa bugaragara.
Kuva mu mpera z’indwi iheze,abanyeshuri bari bahagaritse ivyigwa basaba infungurwa ,kuko bahabwa umuceri wonyene akaba ariwo bafungura kandi naho nyene udakwiye.
Umuyobozi wa Lycee Muramvya amenyesha ko haheze amezi atari make,ubushikiranganji bw’indero butabahaye amafaranga busanzwe butanga yo gufasha mu kubeshaho abanyeshuri baba mu mashuri afise uburaro.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2016, 11:59, par KURI
NONE GA TUGIYE KUBA ABANDE?NIBARONDERE AYANDI MASHURE AMAZIATARENGA INKOMBE.UBURUNDI BWASHAJE.
27 Nzero 2016, 12:58, par rajabu
haha nidanje
27 Nzero 2016, 13:55, par dusengimana
benewacu nimwihangane,natw birahav biba.
27 Nzero 2016, 15:12, par Jean
None Bazobaho Gut?Reta Nirabicikora Ntibihave Bishika Kuma Shuri Yose Kuko Nihatari.
27 Nzero 2016, 23:00, par lILI
ibi byose bizabazwe nkurunziza. abiwe ntacyibazo bafite. abilirwa bamushyigikira. nibo bigiraho ingaruka. nabyo nukubera ubujuju.
28 Nzero 2016, 16:49, par Thierry
QUELLE HONTE!
28 Nzero 2016, 18:03, par Solo
Ninzara Ihari Nyene Turagowe! Ni Nkimwe yomuri 2000
28 Nzero 2016, 19:45, par Danny Look Song
None Leta Ikora Iki? Ega Hakora Munda None Hatashe Bose? None Baziga Gute Ko Batashe?
28 Nzero 2016, 21:57, par J marie
lycee muvya niko yamye mugabo harihageze ko ibintu bihinduka vyose vyatewe na mandat yagatatu senga imana izobishura.
29 Nzero 2016, 06:50, par Martin Abrahams
POLE BANYESHURE.MURIHANGANA MUGA MUSHOBORA KUGIRA IBIBAZO.
10 Ruhuhuma 2016, 00:17, par Charles Ndizeye
Trakwiye Kumenya ko Umunyeshure Ari Kazoza Kejo.....!!
10 Ruhuhuma 2016, 12:12, par Small
Ahaa Haziga Abana Bubutegetsi Nayo Umwana W-inkende Nugupfa Yurira Igiti.Ikibabaje Nuko Tutabitahura Kumwe.