Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muramvya: Umusuma yishwe n’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya: Umusuma yishwe n’abanyagihugu

Muramvya: Umusuma yishwe n’abanyagihugu

vendredi 10 Rusama 2013

Umusuma azwi kw’izina rya Ntakiritimana Innocent yaragandaguwe n’abanyagihugu mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 09 Rusama 2013, mu gihe yariko agerageza kwiba.

Abanyagihugu bo ku musozi Nyagisozi, komine Kiganda, intara ya Muramvya bashwabaduwe na nyene urugo rwari rugira rwibwe, baca bafata uwo musuma baramwica.

Mugenzi we, Etienne Kamwenubusa, bari kumwe yarashoboye kubaca mu ryahumye, ariko nawe yahavuye afatwa mu gatondo k’uno musi kuwa gatanu, aca ashikirizwa abajejwe umutekano muri komine Kiganda.

Naho vyagenze uko, musitanteri wa komine Kiganda yamenyesheje ko abanyagihugu bovavanura n’iyo ngeso yo kwihanira, asaba ko uwufashwe yoshikirizwa inzego z’ubutungane, maze intahe ikamwokera.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.