Accueil > Imibano > Muramvya:Umwana afise ingwara y’amagufa asaba imfashanyo y’amafaranga arenga (...)
Muramvya:Umwana afise ingwara y’amagufa asaba imfashanyo y’amafaranga arenga imilioni 12
samedi 15 Kigarama 2012
Umwana wo muri komine Rutegama intara ya Muramvya agwaye ingwra y’amagufa asaba infashanyo yo kugura ivyuma bimufasha gutambuka bigurwa amafaranga arenga imilioni 12 y’amarundi hafi ibihumbi 7500 vy’amadolari y’abanyamerika. Amagufa yiwe yaraboze.
Jean Marie Niyonsaba n’umwana w’imfyuvyi afise imyaka 16 aba muri komine Rutegama intara ya Muramvya. Muri kino gihe ari ku musego ntava aho ari kuko adashobora gutambuka. Afise ingwara ikomeye y’amagufa. Amagufa yose yo ku bisusu yaraboze kuko ata cunyunyu Calcium afise gituma amagufa akomera akagira inguvu.
Umuganga amuvura avuga ko vyihutirwa ko uwo mwana aronka ivyuma bita Protheses vyomufasha gutambuka hamwe n’imiti yindi myinshi y’ububabare. Ivyo ngo bizotwara amafaranga y’amarundi arenga imilioni 12, ni hafi ibihumbi 7500 y’amadolari y’abanyamerika.
Muri kino gihe,musitanteri wa komine Rutegama Emmanuel Niyungeko amenyesha ko komine ari igaburira uwo mwana. Ariko ngo komine ntishobora kuronka amafaranga arenga imilioni 12 zo kumuvuza. Emmanuel Niyungeko co kimwe n’abavyeyi b’uwo mwana batera akamo abantu bose n’abagira neza gufasha uwo mwana kugira aje kwivuza mu makungu.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
23 Ntwarante 2013, 22:58
Wheover edits and publishes these articles really knows what they’re doing.