Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri Centrafrika, abantu 30 boba bishwe n’abahoze ar’abagwanyi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Muri Centrafrika, abantu 30 boba bishwe n’abahoze ar’abagwanyi ba (...)

Muri Centrafrika, abantu 30 boba bishwe n’abahoze ar’abagwanyi ba Séléka

vendredi 24 Gitugutu 2014

Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru French.news.cn co mu gihugu ca Cameroun, abantu 30 boba barishwe ku ma genekerezo ya 21 na 22 Gitugutu mu ntara ya Yamalé, muri Centrafrika. Ico gitero kikagirizwa Séléka, wahoze ar’umuhari w’abagwanyi. Ariko abagirizwa bo barabihakana bivuy’inyuma.

Iyi nkuru yigandagurwa ry’abantu 30 iremezwa n’umusikikare mukuru (Officier) ari muri ba basirikare ba ONU barungikwa gucungera amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika (MINUSCA). We yemeza ko abanyagihugu bo muri ico gice bemeza ko abantu basa n’aba Peuls hamwe n’abahoze ar’abagwanyi ba Séléka aribo bakoze ico gitero. Naho biruko, iyo mkuru yaboba barateye abaribo ntiremezwa n’uburongozi bwa MINUSCA, rirongowe n’umusirikare aturuka mu gihugu ca Senegare, Jenerari Babacar Guèye, akaba mbere ari nawe aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Centrafrika.

Nubwo uvyagirizwa cane, uwahoze ar’umuhari witwaje ibigwanisho Séléka, ubicishije ku muvugizi wawo, urabeshuza ukarahira ukanana ko atariwo wagize ico gitero cahitanye ubuzima bw’abantu. "Ubwo n’ububeshi bukabije kuko abahoze muri Seleka bigumira i Bambari, ntibigeze bahava. Twebwe tuguma dukurikiza ingendo yo kwizigiranira itubuza gusohoka tuva i Bambari ata ruhusha duhawe n’umukuru w’ingabo." Ibi vyamenyeshejwe na lieutenant Younouss Ngabjia, umwunganirizi w’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto vya Séléka. We akemeza ko atanigitero cigeze kiba mur’ico gice ca Centrafrika. "Oya, nta kintu na kimwe cabereye i Bakala. Twebwe twahamagawe na Sangaris (ingabo z’Ubufaransa zarungitswe muri Centrafrika) batubwira ko hoba habaye igitero c’abasuma bitwaje ibigwanisho i Madouma, ni nko kubirometero 30 vy’i Bambari", nk’uko vyabandanijwe bimenyeshwa na lieutenant Ngabji. Abandanya avuga ko ico gitero coba cakomerekeje abantu batatu.

Naho abihakana cane, abategetsi ba Centrafrika bo babona ko abahoze ar’abagwanyi ba Séléka n’aba anti- Balakas bari bacuditse ar’intambamyi ikomeye cane kwigaruka ry’amahoro mur’ico gihugu kimaze hafi imyaka ibiri mu ntambara hagati y’abakirisu n’aba Islamu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.