Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri CNDD FDD ntibahakana ko Onésime NDUWIMANA ashobora gukurwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muri CNDD FDD ntibahakana ko Onésime NDUWIMANA ashobora gukurwa mu (...)

Muri CNDD FDD ntibahakana ko Onésime NDUWIMANA ashobora gukurwa mu buvugizi

mardi 17 Ntwarante 2015, par Egide N

Umukuru w’umugambwe CNDD FDD aremeza ko habaye ukuvuguzanya hagati yiwe n’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Onésime NDUWIMANA. Pascal Nyabenda ntahakana ko Onésime NDUWIMANA ashobora gukurwa mu mabanga y’ubuvugizi, ariko akamenyesha ko ataratera igikumu ku ngingo y’ukumubogoza.

Inyuma y’aho umukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyeshereje ko Abagumyabanga ba CNDD FDD bashaka izina rya Petero Nkurunziza, mu matora y’uguhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, budakeye na kabiri, Onésime NDUWIMANA, umuvugizi w’uwo mugambwe yaciye amenyesha ko ayo matohoza y’ukumenya icipfuzo c’Abagumyabanga atakozwe, avuga kandi ko mu mugambwe CNDD FDD hari aboseruka benshi kandi b’ijunja mu matora y’umukuru w’igihugu.

Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, yamenyesheje ko ataramenye neza namba Onésime NDUWIMANA yoba yabivuze yabanje kwumviriza neza, akamenya n’igituma Pascal Nyabenda yoba yabishikirije muri ico gihe. Kubwa Pascal Nyabenda umukuru wa CNDD FDD, Onésime NDUWIMANA yatawe mu mutego n’abamenyeshamakuru. Nyabenda Pascal agira ati : "Nk’umuvugizi w’umugambwe, icari kuba ciza n’uko yari kwishura ko borondera uwashikirije iryo jambo akaba ariwe asigura igituma yabivuze."

PNG - 570.7 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Uwo arongoye umugambwe uri ku butegetsi aremera ko habaye ukutavuga bahuza, ariko akaba adatomora ku ngingo zoba zigiye gufatirwa Onésime NDUWIMANA.
Pascal Nyabenda avuga ko mu mugambwe bafise uko bitunganije. Onésime NDUWIMANA ashobora gukurwa muri ayo mabanga y’ubuvugizi, naho Pascal Nyabenda avuga ko ata ngingo n’imwe irasohoka y’ukumubogoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • uwo numuvumo wimana bose bazoteba babone kobahenzwe.ejo yari nimbesha ehe onesime nguyo agiratabwe hanze ejo noho azoba ari pasikaya nyabendwa.

  • Ibombora bombora hhhhhhhh ntibambaze buca hasigara Adolphe na Bunyoni na Pieter ,,,,,,,nuwo mugesera aguma avyimbisha amatama ngo n,umukuru w,umuganbwe wa ba DD aho ari amenye ko hari abandi ntawasumba ijunja n,ijambo Radjabu teshwe mute .......REKURA IYO MANDAT cANKE TUBATWARE KUMPANDA MWA BATWA BAMAZURU NKAMA BASSIN

  • hahaha,icipfuo cawe nico nibarukure abandi nabo barye.(abanyagihugu babiriye akuya hanyuma nawe uje kwirega kuko ABATWA N’abantu baremwe n

  • We kiki mb w ntuziko gutukana atawe bitera iteka? Onesime ntibakoreko naho ataco aramarira personnellement ndamukunda ko adahuruduka mwijambo,kandi j rupande sindi umu dd, ekaaaaaaa muga ukuri kuravugwa

  • Bakunzi bigihugu na benegihugu kubwindero ndundi twarukanye buryagutukana sivyiza harya uwukebura uwukuze ntamaribinonko landier itsinzi nyakuri ntiva mugukana murakoze

  • Onésime NDUWIMANA ashobora gukurwa mu buvugizi,nivyo kandi ndavyemera;ariko murabe neza CNDD-FDD sinzi ko mwaronse intahe muyikwiye!ukuri kwama ari ukuri kandi ikinyoma gisehurira ikuzimu.Je nahora mbona Pascal Nyabenda asa n’umugabo wimvuga kuri none yakabaye ari umubeshi bigeze aho,kumva ko uri umukuru w’umugambwe ariko ukubahuka kuvuga ko abagumyabanga bakeneye NKURUNZIZA PETERO kandi batagutumye atamatohoza canke ngo mube mwarababazije,Pascal wumva womarira iki igihugu?Onesime Nduwimana komera kuko ubugabo burihabwa kandi igihugu gikeneye imvuga kuri nkawe.Pascal Nyabenda guhera ubunyene turaguhagaritse ntukiri umukuru w’umugambwe CDD-FDD ubaye imbunuza

  • Ntabwo Nduwimana yavuze nabi none ngomba mbaze Nkurunziza apfuye CNDD yocipfa ariko simwipfurije gupfa murantunga Igihugu ntigipfakara

  • Muri cndd-fdd iyo haboneka abantu bazi kwisobanura nka Onésime Cndd ntawundi mugambwe wowugiye imbere.

  • Abanyagihugu twaraciye ubwenge ivyo bigira umenga igihugu n’umurima wa famille so bazopfe kutiba amatora

  • iporona inumire hagezweho abaguturatuje.pita,menyako atawusaba abamibabiri imana ivuga iti icubahirocanjesinzogiha uwundi.

  • guma Peter abakwanka bamangare,turakwizeye ko udakangwa n’imikoma......bavuge meshi tubahe amazi narirya twabikokoreye

  • ndabonako habay kutumvikana hagati mu mugambwe kandi abonabo ba kurwa mu mugambwe bijany n amajambo bashikiriza n amaronka bahabwa nabo muri oposion rero n ukubirukako mpaka ivyo n ibimenabanga bitagira aho bibika baribesh

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.