Accueil > Amakuru > Poritike > Muri FOCODE basaba ko imboneshakure y’igihugu yoha ijambo n’abatavuga rumwe (...)
Muri FOCODE basaba ko imboneshakure y’igihugu yoha ijambo n’abatavuga rumwe na Leta
dimanche 4 Myandagaro 2013
Leta y’Uburundi n’urwego rw’igihugu CNC (Conseil National de la Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru bari bakwiye kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro ku rugero rumwe ku mboneshakuru y’igihugu.
Ivyo ni ivyashikirijwe na Pacifique Nininahazwe, umukuru wa FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), aho yamenyesheje ko rimwe na rimwe imboneshakure y’igihugu umenga ikora imyiyamamazo y’umugambwe uri ku butegetsi.
Yisunze ibwirizwa shingiro ingingo ya 284, akarongo ka gatatu, Pacifique Nininahazwe amenyesha ko umurwi CNC ufise ubushobozi bwo gusaba iyubahirizwa ry’ugushikiriza ivyiyumviro hamwe n’ukwubahiriza ukwo gushikiriza ivyo vyiyumviro ku rugero rumwe.
Mu gihe abona ko imboneshakure y’igihugu yerekana umwanya munini ibikorwa vy’umugambwe uri ku butegetsi nk’uko woba ariwo wonyene uhari mu gihugu, Pacifique Nininahazwe yarandikiye ikete umukuru w’umurwi CNC amusaba ko imboneshakure y’igihugu yokwubahiriza ubwo butandukane bw’ivyiyumviro.
Pacifique Nininahazwe yibutsa ko imboneshakure y’igihugu ikoresha amafaranga ava mu makori y’abanyagihugu, ari naco gituma idakwiye kwigarurirwa n’umuntu, umugambwe canke urwego urwarirwo rwose, na cane cane ko ivyiyumviro bitandukanye irivyo bikomeza intwaro rusangi.
Egide Nduwimana
Messages
6 Myandagaro 2013, 04:38, par Erast ninyibuka
Muburundi iyumuntu avuz’ikitagendaneza aholeta yokwikosoy yiruka kuwabakebuy!Nka TV,Niyabavukagihugu.siyumugabwe urikubutegetsi