Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Muri Gabon bariyamiriza ubwicanyi buterwa no kuraguza
Muri Gabon bariyamiriza ubwicanyi buterwa no kuraguza
dimanche 12 Rusama 2013
Harabaye imyiyerekano ahantu habiri ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville. Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza ubwicanyi buterwa no kuraguza.
Imyiyerekano ya mbere yari yitabwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Sylvia Bongo Ondima.
Ariko ishirahamwe rirwanya ubwicanyi buterwa no kuraguza ryaranse kwitaba iyo myiyerekano, rica ritegura iyaryo mu kindi kibanza.
Bivugwa ko abapolisi bateye ivyuka bikoroza amasozi mu gushwiragiza abagiye muri iyo yindi myiyerekano.
Abiyamiriza ubwo bwicanyi bavuga ko hishwe abantu mirongo ibiri uno mwaka, benshi muri bo bakaba bari abana b’abakobwa.
Imivyimba yabo yatowe yaciwe ibihimba, uruzi rwayisutse ku nkombe.
Joel Sengurebe