Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri OLUCOME bashize ahabona ubusuma bukorwa mu gisata c’ubutare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri OLUCOME bashize ahabona ubusuma bukorwa mu gisata c’ubutare

Muri OLUCOME bashize ahabona ubusuma bukorwa mu gisata c’ubutare

jeudi 23 Nzero 2014

Naho itegeko rigenga igisata c’ubutare ryemejwe, hari akarwi k’abategetsi bo mu giporisi no mu gisirikare bakora muri ico gisata bidaciye mu mategeko, mbere ari nabo banazingamitse ico gisata.

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uwu wa kane, akaba yerekanye ingene atanganzwa n’ukubona itegeko rigenga igisata c’ubutare ryo kuwa 15 Gitugutu ritarashirwa mu ngiro kandi bose bazi akamaro k’ico gisata ku butunzi bw’igihugu. Gabriel Rufyiri amenyesha ko ahanini icatumye abakorera muri ico gisata badashira mu ngiro iryo tegeko ari uko amatagisi asabwa ari menshi, igiciro c’igipapuro gitanga uruhusha rwo gukorera muri ico gisata naco kikaba caraduze, aho mukamenya ko kare cari ku mafranga ibihumbi ijana, ariko ubu kikaba kiri ku mafaranga ibihumbi amajana atanu vy’amarundi, ivyo bigaca bibera intambamyi n’abari bipfuza gukora baciye mu nzira zubahirije amategeko.

JPEG - 1002.6 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Ishirahamwe OLUCOME riratuma agatoke abategetsi bakuru bakuru mu gihugu c’Uburundi boba aribo biziziye ico gisata kandi amategeko atabibemerera. Gabriel Rufyiri amenyesha ko hari akarwi k’abategetsi bamwe mu gisirikare n’igiporisi, abakozi bakuru bakuru bo mu biro bikuru vy’igendereza n’ibindi bihangange boba aribo bakorera muri ico gisata bidaciye mu mategeko, yaba muvyo kwimba imisenyi, amabuye, hamwe n’inzahabu, ugasanga nta tagisi batanga kandi nta n’uruhusha bafise.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko ivyegeranyo bitandukanye vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyerekanye neza kandi ko hari abantu babandanya bashora inzahabu bidaciye mu mategeko, aha baradoma agatoke ku mugwizatunga Mutoka Ruyangira yari afise ishirahamwe Berkenrode bvd SA rihinduka NTAHANGWA splr.
Muri ico cegeranyo nyene, haraboneka uwitwa Jean Claude Nzeyimana, gushika mu kwezi kwa Gitugutu 2013 akaba yari amaze gushora hanze ku gatwe kiwe inzahabu zigera ku biro 64.
Muri OLUCOME basaba ko Reta yohimiriza bikwiye ku vyerekeye itegeko rishasha rigenga ubutare, kandi bagasaba ko abategetsi bakuru bo muri Reta, mu gipolisi hamwe no mu gisirikare ko bovavanura n’urudandazwa rw’inzahabu mu kinyegero.


Floxella Karire

Messages

  • amakuru duhabwa n’abazi neza umugambwe ukomeye mu burundi aremezako mu mutwenzi wo kw’igenekerezo rya 21. nzero.uyu mwaka camion yo mu bwoko bwa scania yazanye ibikoresho bifyatura inote z’impimbano n’ama couleurs yo gukora amadollars. Abandi nabo bavugako mw’ishamba rya KIBIRA hari imirima y’urumogi yarimishijwe n’umukuru w’imbonera muri comune musigati abifashijwemo na Buramatari w’intara ya BUbanza ariko amabwiriza bayaherewe i bujumbura. amatwi adusumira avugako ubwo bubandi babukora kugira babone ico bahembye iyo abayobozi b’imikangara y’imbonerakure.

  • Karikurubu, ivyuriko uravuga ntacobitubwiyetwebwe abarundi tubirwiza nubusa (0)

  • Muta Wababwira Nuko Batumva Baguma Bicamatwi Kandi Aribo Baguma Bahohotera Ibisata Barongoye Nkubu Nabonye Umu Chaufeur Avuye Tanzania Azanye Imatera 2 Barazihagarika Acatelephona Col Aje Zaciye Zirekurwa Ngontimwari Mwamenyeko Arizije Iwanje Urumva Rero Akarenganyo Karibonekeza Mubategetsi Benshi Mubisata Bitandukanye

  • Ntako utagila mutama wanje ubwila abatumva

  • @Mama nizereko utari umu mama nkuko mbona izina ryawe ribivuga, nayubundi naguciriye umugani uvuga ngo ’’UWIBA AHETSE ABA YIGISHA UWO MU MUGONGO’’ Nimba tuvuga ukuri nawe ukaza ufuta kwa kuri ubwo nawe uri kimwe nabo tuvuga ugashavura. hama kuki utasubije na Emery? ariko noba nguhaye devoir igoye kuko ntiwatwika inzu ngo unyegeze umwotsi. Wake up please

  • devoir yawe iroroshe kwishura, akira inyishu ni; igihugu ntigitwarirwa kubihuha.

  • ABA DD BAZOSHIKIRWA NI IVYANDITSE MURI PSAUME 108

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.