Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri PARCEM baragabisha ku kibazo c’irwirirana ry’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Muri PARCEM baragabisha ku kibazo c’irwirirana ry’abantu

Muri PARCEM baragabisha ku kibazo c’irwirirana ry’abantu

vendredi 12 Mukakaro 2013

Mu gihe ku munsi w’ejo Uburundi bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry’abantu, ishirahamwe PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités) ryatunganije ikiganiro ku bamenyesha makuru kuri uyu wa gatanu mu ntumbero yo guhamagarira abafata ingingo, abanyagihugu hamwe n’abafasha Uburundi ko bahagurukira ikibazo c’irwirirana ry’abantu mu Burundi.

Faustin Ndikumana, umukuru wa PARCEM yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha Uburundi buri mu bihugu vya mbere muri Afrika aho irwirirana ry’abantu ririko rirenga urugero « Kuva mu mwaka w’1979 gushika mu mwaka w’2008, igitigiri c’abantu cirwije hafi na kabiri, abanyagihugu bakaba bashoobora kwababa imiliyoni cumi na zibiri mu mwaka w’2020, harimwo abagera kuri 60 kw’ijana bazoba bari munsi y’imyaka 20 nk’uko ibiharuro vy’ingereranyo bivyerekana. »

Faustin Ndikumana aranegura igitigiri c’abantu babandanya barwirirana mu gihe ubutunzi bw’igihugu butariko buriyongera, ubukene ariho aribwo buguma bwibonekeza, ari naco gituma kenshi Leta iguma ishaka kuronderera amatagisi aho bidashoboka.
Yibukije kandi amatati n’indyane biri mu miryango kubera amatongo yaze, aho mbere bishika n’abantu bakicana.

Umukuru wa PARCEM yamenyesheje ko n’amajambo ya Leta kuri ico kibazo adatomora neza kuko kenshi bavuga bati : « Tuvyare abo dushobora kurera » canke bati : « Tugabanya imvyaro » ariko ntibatomore mu kwerekana uko abo bake bangana canke abo umuntu ashobora kurera boba bangahe.

Bafashe ico kibazo c’irwirirana ry’abantu mu Burundi nk’ic’inkoramutima, mw’ishirahamwe PARCEM basaba Leta ko yotanguza ibiganiro ku rwego rw’igihugu ku bijanye n’imvyaro. Bakiri ngaho, muri PARCEM baterera iciyumviro ko imiryango yogabanya imvyaro gushika ku bana batatu gusa, bagahamagarira abanyagihugu kwibuka ubuzima buguma buzimba, gutyo bahindure inyifato n’ivyiyumviro ku kibazo c’irondoka.

Abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’amashengero akaba yabasavye kushimangira ico kibazo mu bikorwa vyabo mu ntumbero yo gushigikira utwigora twa Leta ku bijanye no gukinga irwirirana ry’abantu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.