Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri PARCEM barajwe ishinga n’ikibazo co gufungura nabi mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri PARCEM barajwe ishinga n’ikibazo co gufungura nabi mu Burundi

Muri PARCEM barajwe ishinga n’ikibazo co gufungura nabi mu Burundi

vendredi 11 Mukakaro 2014

Mw’ishirahamwe PARCEM bararajwe ishinga n’ingorane z’ugufungura nabi zibonekeza mu Burundi. Iryo shirahamwe rikababazwa n’ukungene Reta y’Uburundi isa n’iyidashiramwo inguvu ziboneka kugira itorere inyishu ico kibazo.

Igenekerezo rya 11 Mukakaro, n’umunsi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abantu kw’isi. Mu Burundi abanyagihugu bigwiza na kabiri uko imyaka 25 ihera, uno mwaka tukaba tugeze ku miriyoni hafi 10 z’abantu mu Burundi, nk’uko Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM abishikiriza. Mu Burundi kimwe mu bigaragaza irwirirana ry’abantu ni ugufungura nabi. Faustin Ndikumana amenyesha ko bibabaje ukungene Reta isa n’iyifata minenerwe ico kibazo. Nk’uko abishikiriza, mu cegeranyo casohotse muri ya nama rukokoma yerekeye uburimyi iherutse kuba muri kuno kwezi kwa Ruheshi, basanze Uburundi buri mu bihugu vya mbere bifungura nabi kw’isi, Uburundi buri kandi mu bihugu vya mbere vyishwe n’inzara. Ibice 58 kw’ijana ni ivy’abana bafungura nabi, 45 kw’ijana bafise indwara yo kubura amaraso, umwimbu w’ibiribwa wama udakwiye, mu majambo make kiri mu bihugu vya mbere bibangamiwe n’inzara kw’isi.

Mw’ishirahamwe PARCEM bamenyesha ko ico kibazo kibateye impungenge kuko uko barwira bitera ingorane mu vyerekeye amafaranga Reta ikoresha buri mwaka (bugdet national) ndetse no ku bidukikije birafise ingaruka zitari nke. Faustin Ndikumana abandanya amenyesha ko bibabaje ingene Reta isa niyitabona ico kibazo, ku bwiwe akavuga ko hakiriho ingorane mu batwara, kuko batarajijuka, n’inzego zibijejwe zigasabwa gufata ingingo ziboneka.

Muri PARCEM baratangazwa n’ingene kandi mu migambi itandukanye yo kurwanya ubukene yaba CSLP2 hamwe na Vision 2025, harimwo aho bavugamwo ivyerekeye kugabanya ivy’igwirirana ry‘abantu, ariko gushika n’ino saha akaba ata gushaka kuboneka kwo kuyishira mu ngiro.

Mw’ishirahamwe PARCEM bahamagarira abategetsi gutanguza ibiganiro biboneka bijanye n’ico kibazo kugira bashobore gushiraho imigambi itomoye kandi ikora idaherera mu bitabu gusa.


Floxella KARIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.