IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri Parcem ntibashimishwa n’uko inama nkuru y’umutekano ariyo yiga ibibazo (...)

Muri Parcem ntibashimishwa n’uko inama nkuru y’umutekano ariyo yiga ibibazo vy’ubutunzi

vendredi 1er Ntwarante 2013

Faustino Ndikumana arongoye ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo Parcem,aranegura ukuntu inama nkuru y’umutekano ariyo yiga ikibazo c’itituka ry’amafaranga y’amarundi. Ivyo yabishikirije ku musi wa kane, igenekerezo rya 28 Ruhuhuma.

Kubwa Faustino Ndikumana, ngo kuba ikibazo kijanye n’itituka ry’agaciro k’amafaranga y’amarundi bacigira mu nama nkuru ijejwe umutekano hagafatwa n’ingongo, ni uguhonyanga ibwirizwashingiro. Avuga ko ico kibazo kiri mu vy’ubutunzi, ivyo navyo bikaba bifise urwego vyegukira; urwego rw’igihugu rushinzwe ibibazo vy’ubutunzi n’imibano.

Inama nkuru ijejejwe umutekano kuba ariyo yiga ikibazo c’ubutunzi, Faustino Ndikumana avuga ko ari ukurengera ingingo y’277 y’ibwirizwashingiro ry’Uburundi. Iyo nayo ngo niyo yerekana neza ivyo inama nkuru y’umutekano ishinzwe, navyo akaba ari guhagararira umutekano w’igihugu, no gukomeza ubumwe mu nzego z’umutekano.

Umukuru wa Parcem, avuga ko inama nkuru y’umutekano atabahinga ifise bashobora gufatira ingingo igisata c’ubutunzi, ahubwo ngo abo bahinga bari mu rwego rw’igihugu rushinzwe ibibazo vy’ubutunzi n’imibano. Kubw’ivyo, abona ko habaye ukwinjiriranira mu kazi


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.