Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Murumuna wa Kim Kardashian yagirizwa kuryamana na muramuwe Scott (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Murumuna wa Kim Kardashian yagirizwa kuryamana na muramuwe Scott (...)

Murumuna wa Kim Kardashian yagirizwa kuryamana na muramuwe Scott Disick

jeudi 29 Nzero 2015

Kendall Jenner afise imyaka 19 y’amavuko yagirizwa kuryamana na Scott Disick, umugabo wa mukuru wiwe Kourtney Kardashian

Scott Disick na Kendall Jenner

Umuryango wa Kardashian uri mu bibazo bikomeye, nyuma yaho Kendall Jenner asanzwe ari umunyamideri, bivugwa ko yaryamanye n’umugabo wa mukuru wiwe, Kourtney. Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Reta z’unze ubumwe z’amerika citwa Star, kiravuga ko iyo migenderanire hagati ya Kendall Jenner na Scott Disick yatanguye igihe Kourtney yari yibugenze umwana wa gatatu. Ico gihe, Scott na Kendall bahuriye mu birori bari bagiyemwo, hanyuma banywa inzoga nyinshi, maze baheza bararyamana nk’uko ikinyamakuru Star kibivuga.

Kuva Kourtney abimenye yabanje gutuka Scott na Kendall, ubu bikavugwa ko Scott yahevye arahunga, kendall nawe n’ubwo abihakana, ubu ntakivugana na mukuru we.

Mwomenya ko Kendall atari ubwambere yagirijwe gutwara abagabo b’abandi, mu gihe higenze kuvugwa ko yagendanye na Justin Bieber kandi yarazi ko akundana na Selena Gomez, uwo akaba yari n’umugenzi cane wa Kendall.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.