Accueil > Amakuru > u Burundi > Musaga : Abantu babiri bafatanwe amakarata karangamuntu 80
Musaga : Abantu babiri bafatanwe amakarata karangamuntu 80
samedi 6 Kigarama 2014
Muri komine Musaga, abantu babiri bafatanwe amakarata karangamuntu mirongo umunani (80) ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, ayo makarata akaba yaje ava muri komine Kinindo na Rohero.
Mu gihe igikorwa c’ukwiyandikisha kikibandanya, haguma havugwa ubusuma bw’amatora bwoba buriko burategurwa, biciye ku makarata karangamuntu ahabwa abadafise imyaka isabwa n’amategeko, ayandi agahabwa abanyamahanga, canke umuntu umwe akiyandikisha kabiri n’akarenga. Muri komine ya Musaga, abanyagihugu barafashe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu, abantu babiri bari bafise amakarata karangamuntu mirongo umunani (80). Abanyagihugu barashatse kwihanira, abo bantu bahakurwa n’abaporisi baciye barasa hejuru kugira bashwiragize abanyagihugu bari benshi. Abo bafatanywe ayo makarata karangamuntu bakaba baciye bashikirizwa musitanteri wa komine Musaga, ayo makarata ya magendu nayo ahabwa Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH asanzwe yari muri ico kibanza.
Mu mihingo itandukanye habandanya gufatwa amakarangamuntu ya magendu mu gihe abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi badahengeshanya gusaba ko igikorwa c’ukwandika abazotora cohagarikwa vy’agateganyo, umurwi CENI ukabanza ugakosora utunenge tuguma twibonekeza. Ariko muri CENI siko babibona, Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi CENi avuga ko ico gikorwa gihagaritswe hoba hononekaye uburyo bumaze gukoreshwa, ahubwo mu nama yahuje abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko n’umurwi ujejwe gutegura amatora CENI, uwo murwi ukaba wafashe ingingo yo kwongereza ikiringo c’iminsi itanu ku biyandikisha. Ico kiringo cosozerewe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 7 Kigarama kikaba kizohera kuwa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2014.
Tubibutse ko abantu bagera ku miriyoni zibiri n’igice aribo bamaze kwiyandikisha, ku barenga imiriyoni zine bitezwe, nk’uko vyemezwa na Petero Karaveri Ndayicariye, arongoye umurwi CENI utegura amatora ku rwego rw’igihugu.
Egide Nduwimana
Messages
6 Kigarama 2014, 11:05, par rwarakabije
ubwo busuma ni buhagarare kuko bwohava budusubiza mu ntambara abarundi twese turabwiyamirije.abarimo babikora nibaharanire inyungu zabaturage osati inyungu zinda zabo.emera aho intahe ishize
6 Kigarama 2014, 16:29, par None?
Uyu munyarwanda yiyise Rwarakabije yotubwira ubusuma ahobucabuhurira nintambara? Canke abasuma kuvakera baramye ariko ntivyigeze vyitwa intamba? Ariko kubera mwakamishije intamba 94 muramenya kuyiririmba!.
6 Kigarama 2014, 17:56, par Nkandagirabitsbu
Biragaragara ko mu mugambwe CNDd_FDD batarategera neza ico arico amatora meza ko ashiksna kw iterambere n umutekano.birama.biragaragara ko atamutima wo gukunda igihugu bafise ko urugusha kuguma basahura.Ndayicariye nawe izina niryo Muntu hako igihugu kirwa mungorane kubera iyo nda yawe ayo mahera yopfuma yononekara ariko.igihugu kikaguma ari.kizima.
6 Kigarama 2014, 20:53, par Eloge
Abo bantu bafatanywe izo karangaramuntu nibabahane bisunz amategeko.kand ico gikorwa co kwandika abazotora vyoba vyiza kibay kirahagarikwa.
7 Kigarama 2014, 07:55, par Saidi Hamad
@Rwarakabije
Komeramushingantahe.Ndabona ufise ivyiyumviro vyiza k’uburundi.Mugabo rero ntube uri umukozi wa Kagame kuko Rwarakabije ni iki vieux co mu Rwandacahemukiye abahutu bi Rwandaniki general ca faux.Hanyuma rero ndabona iki malawite(Chichewa)carakubanye cinshi kuko wakivanze nikirundi hahahahl.
7 Kigarama 2014, 13:21, par mahoro
ndayichariye,ntashoboraguhagarika.abiyandikisha.kukonahomwovugako.mwafashuburangamuntuigihumbi.weweyumvakwabandikwabagumabandikwa,kukoyariyamahera,yabasongambere,kandinabobantuwumvise,yavuzebamaze,kwiyandikisha,nabowumva,bafatwanwa,ubwoburangamuntu,umuntumwe,ashoborakuzotora,nishuro,10,muntarazotandukanye,chankemumakomine,atandukanye,nichogituma,ndayichariye,atumva,ivyoguhagarikaichogikogwa,mbegugubwoburyo,avugabwokononekara,harimwoamaheraangahe,yakuyemumupfukiwe?.nabandanye,inankundakurya,yariyigifpwerakimumenitama
8 Kigarama 2014, 18:10, par logique
Jewe hari ikintu ntumva yemwe sinzi ko mwonsigurira : ehe dd yirigwa irihaya ko ifise abanywanyi benshi, hanyuma igatanguza kiliba ondes iri ku ntwaro, ngo uwutari muri yo yicwe ngo canke naho agigwe ikimuga, hanyuma ikiba amatora, ...n’ayandi mabwa menshi. None ivyo mwebwe mwumva ari ibiki??? Ni vyaba koko yiyumva ko ifise abanywanyi benshi, ni ireke kwiba amatora, izokwemere aho intahe ishize.