IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musaga: Icika ry’umuyagankuba rironona ibikorwa vy’ukwandika abindangamuntu (...)

Musaga: Icika ry’umuyagankuba rironona ibikorwa vy’ukwandika abindangamuntu nshasha

jeudi 14 Munyonyo 2013

Igikorwa co kwiyandikisha ku benegihugu kugira baronswe indangamuntu zishasha kiriko kirarangurwa ukuri kwamye mu ma komine y’igisagara ca Bujumbura. Muri komine musaga, ibikorwa bigenda neza, abantu baraja kwiyandikisha ari benshi, naho hibonekeza akagorane ku muyagankuba uza uracika.

Mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Munyonyo, ikinyamakuru IGIHE cagendeye komine Musaga kugira kirabe aho ibikorwa vyo kwiyandikisha ku benegihugu kugira baronswe indangamuntu nshasha Kigeze n’intambamyi boba bafise. Muri iyo komine Musaga iri mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura ibikorwa vyo kwiyandikisha ku benegihugu bikaba vyari vyahagaze akanya gato ku mvo y’umuyagankuba waza uracika. Muri ico gihe, abanyagihugu bamwe bakaba baciye bataha. Ariko rero naho biruko, abenegihugu baravyitaba, abagera ku 1500 akaba aribo bamaze kuja kwiyandikisha kuva mu kwezi kwa Nyakanga, nk’uko tubimenyeshwa na Alexandre Bigirimana musitanteri w’iyo komine.

iyo ndangamuntu rero nshasha abanyagihugu bagiye kuronswa mu misi ya vuba ikaba itandukanye niyahahora. Kuri iyo ndangamuntu nshasha hazoba hariko imyidondoro iramvuye, inimero y’ububiko mw’ibanki, inimero y’uruhusha rwo gutwara imodoka (permis de conduire), inimero ndangamukozi (matricule), ivyemeza ko ufise inzu, inimero y’ikarata y’itora (carte d’électeur), nimero y’urupapuro rw’inzira (passeport), umurwi w’amaraso (groupe sanguin), hamwe n’igikumu kidasanzwe (empreinte digitale). Ariko rero n’aho mwumva ko iyo karata ndangamuntu nshasha iriko ibintu vyinshi ndetse abenshi bafata ko ari amabanga y’umuntu, kuri iyo ndangamuntu ntibizobonekako kuko ayo makuru basaba yose ajanye n’amabanga azoguma indani mu bubiko bw’inyabwonko.

Mw’ikete rero riva mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bakaba basaba abaja kwiyandikisha kwirinda ibi bikurikira: kwambara umwambaro w’akazi canke impuzu zerekana ibitugu. Basabwa kwambara impuzu y’ibara rizize kandi y’izosi rifise idebure (col), kwirinda kwambara amashati yera, kutisiga ku maso ibintu birenze urugero, kwirinda guhindura amabara y’umushatsi n’ibindi n’ibindi.

Musitanteri wa komine Musaga akaba ahamagarira abanyagihugu bo muri komine arongoye gusidukana n’iyonka baje kwiyandikisha, eka n’abakozi ba reta ngo nta ntambamyi ihari kuko no ku minsi ya gatandatu babandanya bandika abaje.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.