IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Musitanteri yemeza ko umutekano wifashe neza harara haravuga (...)

Musaga : Musitanteri yemeza ko umutekano wifashe neza harara haravuga inkoho

jeudi 25 Ruheshi 2015

Komine Musaga imwe mu makomine arangwamwo umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, kuva aho Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu avugiye ko azitoza ubwa gatatu, abayirongoye bemeza ko umutekano umeze neza.

Muri iki gihe, muri iyo komine, amasase, amagrenade n’ibindi bigwanisho birara birasirana, abanyagihugu nabo bakavuza induru, bakubita ngoma, amabido, ivyuma n’ibindi vyose bishikana amajwi kure. Mu kiganiro musitanteri wa komine ya Musaga yahaye ikinyamakuru IGIHE.bi yavuze ko umutekano wifashe neza.

Ku kibazo c’inkoho zirara ziravuga ntabihakana ariko avuga ko; ari abantu bumva ubwoba bagaca batangura gutera amagrenade, tumubajije abaribo we avuga ko atabazi. Ariko rero naho yemeza ko atabo azi, ababa aho ku Musaga bo baravuga ko umutekano wabo wifashe nabi cane, ko abaporisi babinjirirako mw’ijoro, kandi bagaterwa n’ubwoba n’inkoho zivuga mw’ijoro co kimwe n’abaporisi bafise ibirwanisho bikomeye barangwa aho mu micungararo


Bill Nkurunziza

Messages

  • ARIKO GAYEMWE ABACANGERO BARAGWIRA UWOMUSITANTERI UBWO AFISUMUTIMA NKUWABANDI NON INKOHO ZIRARA ZIRAHAVUGIR NAMA.GRENAD WW NTAVYUMVA AHO KARAKUNANIYE WEWUGOMBA KWITERANYA NABUTWARA MBE AHUMERA NKA NYAMITWE NTUBONA KWIGIHE CANYU CARANGIYE REKA GUSONGESIBE SHA AKARIMI NIKABI KANDI UBUNWA BURAHANWA

  • uwo musitanteri ari muribamwe bakwiye gutwagwa muri vyabitaro vyabahajije ubwenge mumutw! Ni ikijuju!

  • uwonumusazi.mwarabonye umuntu ahisha umwotsi inzu irikwirasha?niyikebuke

  • Ntakundi musitanteri yovuga kandi ariwe atanga uburenganzira bwo kwica nugutera ubwoba abadashigikiye peter ntibibatangaze ivyiwe birazwi.

  • none mwagomba avuge kumutekano wifashe nabi?uyu mustanteri ni mpemuke ndamuke atinya kuvugukuri kugira akize agatwe ni mugabo niryo abaporisi birirwa banyuruza abantu mwijoro kandi ababizi ariko amenyeko umunsi intahe yafashe ingingo azojana na sebuja

  • Ndajorew Pee Ubanwa Burafuts Umunwa Kumva Ijambo Nkiri!Arko Nub Ama Grenades Ariko Aturika Inkoho Zirarako,induru ,amafirimbi N,ibind Ntavyo Yumva Cank Siho Aba?Ntakundi N,imvugo Ya Politike Arko Yarakwiy Ku Retira Iryo Jambo.

  • Emw musag yokwikebuka abo babatuma barababesha knd nkabo bagira ivyo usanga badafis ni6 ishur?jew ndatanganzw nkumunyagihugu mutoy ugasanga umuntw wa mushuhany naw ntazoronka nubu chef reker abo biz biryanir gko bob bagir mundeg

  • DUSABE AMAHORO I BURUNDI

  • NONE MUSITANTEL YOKWEMEZA KO UMUTEKANO UHARI HARIKO HARAVUGA INKOHO NTAKOHO IVUGA MUMAHORO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.